Ikigabane ca 9

Kuva Wikipedia
Croix du col de la Croix-de-Fer

Imana ihezagira Nowa
1 Imana irahezagira Nowa n'abahungu biwe, ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi. 2 Ibikoko vyose vyo kw'isi, ibiguruka vyose vyo mu kirere, ibinyagara hasi vyose n'ifi zose zo mu kiyaga, bizogira ubwoba bibatinye. Ndabishize mu minwe yanyu. 3 Ibinyogomba vyose bifise ubuzima, bizobabera ivyokurya; ndabibahaye vyose nk'uko nabahaye ibimera bitotahaye. 4 Ariko ntimuzorya inyama ikirimwo ubuzima ari bwo maraso l . 5 Ariko kandi, amaraso yanyu ari yo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza igikoko cose, nzoyishuza umuntu wese, umwe wese nzomwishuza ubuzima bwa mwenewabo. 6 Uwusesa amaraso y'umuntu, amaraso yiwe azoseswa n'umuntu, kuko umuntu yagizwe mu gashusho k'Imana. 7 Nayo mwebwe, nimurondoke, mugwire, mukwire isi, mwuzure kuri yo.» 8 Imana ibwira Nowa n'abahungu biwe iti: 9 «Nanje rero, ndunze isezerano ryanje hamwe na mwebwe, hamwe n'uruvyaro rwanyu mu nyuma zanyu, 10 hamwe n'ibifise ubuzima muri kumwe: inyoni, ibitungwa, ibikoko vyose vyo kw'isi muri kumwe, ico cose casohotse kiva mu bwato, ibikoko vyose vyo kw'isi. 11 Nzokwunga isezerano ryanje hamwe namwe kandi sinzosubira gutikiza n'amazi y'isegenya igifise umubiri na kimwe, nta segenya izosubira kubaho ngo itikize isi.» 12 Imana ivuga iti: «Ng'iki ikimenyetso c'isezerano nshize hagati yanje namwe, hagati y'igifise ubuzima cose muri kumwe, uko imvyaro zizokurikirana na ntaryo. 13 Nshize umuheto m wanje mu gicu ngo ube ikimenyetso c'isezerano riri hagati yanje n'isi. 14 Ninakoraniriza ibicu hejuru y'isi, uwo muheto ugaseruka muri vyo, 15 nzokwibuka isezerano ryanje nshize hagati yanje namwe, hagati y'igifise ubuzima cose n'igifise umubiri cose; kandi amazi ntazokwongera kuba isegenya itikiza igifise umubiri cose. 16 Uwo muheto uzoba uri mu gicu, nzowuraba mpeze nibuke isezerano ry'intahava, hagati y'Imana n'igifise ubuzima cose, ico cose gifise umubiri kiri kw'isi.» 17 Imana ibwira Nowa iti: «Ico ni ikimenyetso c'isezerano nunze hagati yanje n'igifise umubiri cose kiri kw'isi.»
KUVA KURI NOWA GUSHIKA KURI ABURAHAMU
Semu, Hamu na Yafeti
18 Semu, Hamu na Yafeti ni bo bahungu ba Nowa basohotse bava mu bwato; uwo Hamu ni we se wa Kanahani. 19 Abo ni bo bahungu batatu ba Nowa; ni bo babaye inkomoko y'abantu bakwiye isi yose. 20 Nowa, umurimyi, aba ari we wa mbere atera umuzabibu, 21 hanyuma anywa umuvinyu araborerwa, yiyambura impuzu ari mw'ihema ryiwe. 22 Hamu, se wa Kanahani, abona se wiwe Nowa ari gusa, abibwira benewabo babiri bari hanze. 23 Semu na Yafeti bafata igikwemu, bagitwara ku bitugu vyabo bompi uko ari babiri bagendesha umugongo, bapfuka se wabo baraba inyuma, ntibabona ubwambure bwa se. 24 Nowa yikanguye, umuvinyu umaze kumuvako, amenya ivyo umuhungu wiwe mutoyi n yamugiriye, 25 avuga ati: «Kanahani arakavumwa, arakaba umuja w'abaja ba benewabo.» 26 Aca avuga ati: «Nihahezagirwe Umukama Imana ya Semu, Kanahani na we abe umuja wiwe. 27 Imana irakagabira Yafeti, agerere mu mahema ya Semu, Kanahani na we abe umuja wiwe.» 28 Nowa amara imyaka amajana atatu na mirongo itanu, hanyuma y'isegenya. 29 Imyaka Nowa yamaze yose ni amajana icenda na mirongo itanu, hanyuma arapfa.