Ikirundi
Contents |
[edit] Intangamarara
Ikirundi ni ururimi rw’Abarundi. Ikirundi kigomba gusa n’ikinyarwanda, ururimi rw’Abanyarwanda, kikagomba gusa kandi n’igiha, ururimi rw’i Buha muri Tanzaniya.
Ururimi rw’ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi z'Ubufirika bubantu. Rugoye nk'uko n'izindi ndimi zo kw'isi zigora. Ariko twokwama twibuka yuko ururimi kugira rukugore cane canke buhoro bivana n'urwo canke izo usanzwe uzi, kuko indimi zigiranira isano, mbere zimwe zigasangira n'umuryango. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'ururimi (ikiratini) rudasangiye umuryango n'ikirundi. Ni co gituma umuntu wese agomba kurunonosora, akura amaboko mu mpuzu, agakenyera zikaguma kugira ashobore kururyohora. Yokwitwararika ukwiga inyandiko n'indimburo vy'ikirundi, akegera Abarundi bo bene urwo rurimi kugira aganire na bo, yumve ingene baruvuga, amenye imico yabo n'ubuzima bwabo bwa misi yose. Ivyo ni vyo vyomufasha kumenya ukuntu arwandika, aruvuga, n'ukuntu arukoresha mu gushikiriza ivyiyumviro vyiwe haba mu nyandiko canke mu mvugo.
[edit] Inyandiko y’Ikirundi: Ingorane Nkurukuru
Inama nkarishabwenge igira gatatu y’abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi kuri Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.).
Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ng’izi ingingo zapfunditswe n’iyo nama:
- AMAJWI AVUGA
a, e, i, o, u. - AMAJWI Y’INDAGI
b, c, d, f, pf, g, h, j, k, m, n, ny, , ng, p, r, s, sh, t, ts, v, w, y, z. - INGORANE ZIFATIYE KU KWITIRANYA AMAJWI Y’INDAGI
INGORANE UTURORERO IRYAPFUNDITSWE INSIGURO CANKE IMVO 1. l/r A. umuliro/umuriro
lero/reroA. umuriro
reroMu kirundi iryo jwi ryegereye r gusumba l B. Polo/Poro
Repubulika/Repuburika
Amadolari/AmadorariB. Poro
Repuburika
AmadorariB. Amajambo matirano afatwa nk’ay’ikirundi, kuko aheza akigana inyubako n’imvugo y’ururimi rutira. Ni hamwe n’uburyo amajwi aheza agakurikirana.
Uturorero:- Umukirisu: ntibavuga umukristu.
- Ikawa yitwa robisita: ntibavuga robista.
- Intara ya Afirika: ntibavuga Afrika.
2. s/sh - urusato/urushato
amasaka/amashaka
isaka/ishaka
igisaka/igishaka - igishakashaka/igisakasaka
- urusato
amasaka/amashaka
isaka/ashaka
igisaka - igishakashaka
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi. 3. s/ns - umusi/umunsi
imisi/iminsi - isomerwa/insomerwa
- umusi
imisi - isomerwa
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi 4. f/pf - umupfakazi/umufakazi
gupfupfahaza/gufufahaza
umupfumu/umufumu
kwipfuza/kwipfuza - umupfa/umufa
ipfu/ifu
gupfutera/gufutera
- umupfakazi
gupfupfahaza
umupfumu
kwipfuza - umufa
ifu
gufutera
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
Kumenyesha urwaruka ikirudi c’itsitso.5. rw/gw - kurwara/kugwara
indwara/ingwara
kurwana/kugwana
indwano/ingwano
urwarwa/ugwagwa
urwiri/ugwiri - kurwa/kugwa
kurwabira/kugwabira
umurwi/umugwi
- kurwana
indwara
kurwana
indwano
urwarwa
urwiri - kugwa
kugwabira
umugwi
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi 6. bw/bg kubwira/kubgira
imbwa/imbgakubwira
imbwaMu vy’ukuri si bw kandi si bg. Ariko abanditsi benshi bamenyereye bw. 7. rty/ty irtyazo/ityazo
gurtyo/gutyo
ndtya/ntyaityazo
gutyo
ntyaMu mvugo bamwe bakoresha rty, ndty, abandi ty, nty. Ariko ibigereranye ni ty, nty. 8. k/kw - kwurira/kurira
kwongera/kongera
kwubaka/kubaka - noheza nkurira/noheza nkwurira
nkongera/nkwongera
nkubaka/nkwubaka
nkicara/nkwicara - nka kurya kw’urubeya/k’urubeya
- akana k’ubwenge/kw’ubwenge
- kwurira
kwongera
kwubaka - nkurira
nkongera
nkubaka
nkicara - kw’urubeya
- akana k’ubwenge
- Itsitso ni -urir-, onger-, ubak-. ku- na yo ni inyitangizo y’umuvugire wa kigenze. Ijwi u ryo kuri ku- ricika incamwanya w kuko rikurikiwe n’irindi jwi rivuga mw’ijambo rimwe.
- Ibihimba ni:
/n-ka-urir-a/
/n-ka-onger-a/
/n-ka-ubak-a/
/n-ka-icar-a/
Mw’ijambo ijwi a rikurikiwe n’ayandi avuga atangura itsitso bararisimba:
/n-k(a)-urir-a/
/n-k(a)-onger-a/
/n-k(a)-ubak-a/
/n-k(a)-icar-a/
Muramenye: amajwi a na i arakunda kurondana akavyara e. Uturorero:
amenyo = /a-ma-inyo/
benshi = /ba-inshi/ . - kwa = /ku-a/ kwa ni indongorazina, mugabo mu majambo abiri amajwi avuga akurikiranye, irya mbere bararisimba.
- ka = insanisha.
9. ny/nny yaganye inzoga/
yagannye inzoga
twarakanye ingoma/
twarakannye ingoma
umuryango warahonye/
umuryango warahonnyeyaganye
twarakanye
warahonyeUrwaruka rusigaye ruvuga ny. 10. k/g - ikiti/igiti
ikikere/igikere
nya gikoko kica
kipfira hano/
nya gikoko gica
gipfira hano. - igikere na co kiti/
igikere na co giti - igitabu kitubwira/
gitubwira
- igiti
igikere
nya gikoko gica
gipfira hano. - kiti
- kitubwira
- Amajwi agumye
y'inyitangizo
arahinduka akoroha
iyo itsitso
ry'ijambo
ritangurwa
n'irigumye - Kwandika ukurikije
imvugo y'Abarundi - kitubwira =
/ki-tu-bwir-a/
ki- = iny.
-tu- = ind.
-bwir- = its.
-a = agas.
Inyitangizo
n'itsitso
ntibikurikirana.
11. n/ny iryungane/iryunganye iryungane ni ryo rimenyerewe 12. n/nm nmaze/maze
yanmenye/yamenyemaze
yamenyeNi yo nyandiko ibangukiye abantu batari abahinga. - INGORANE ZIFATIYE K’UGUTANDUKANYA AMAJAMBO MU RYUNGANE
UTURORERO TW'INGORANE IRYAPFUNDITSWE INSIGURO CANKE IMVO 1. Ivyo ari vyo vyose/
Ivy'ari vyo vyoseIvyo ari vyo vyose Mu ryungane amajambo yose arandikwa. Muramenye: iyo ako kajambo ivyo ari ins. nsanisha, ijwi o risubirirwa n'agakwabu ko hejuru imbere y'ijwi rivuga.
Uturorero:
Ivy 'aha vyama mu nzira.
Ivy 'abakuru birubahwa.
No ku zindi nsigarirazina nsanisha ni hamwe:
Ak 'imuhana kaza imvura ihise.
Iz 'umutware ziratashe.
Ab 'ino ni ko bameze.2. Yohani yari iguye/
Yohani yari aguyeYohani yari aguye Umugwi wa mbere w'amazina ufise inyitangizo rukozi a-. Abavuga yari iguye barahuba kuko basimba ijwi rya kabiri aho gusimba irya mbere. 3. - Yohani na Petero bajanye/vyajanye
- Yohani na ya nyabu bajanye/vyajanye
- Yohani na ya ntebe baguye/vyaguye
- bajanye
- vyajanye
- vyajanye
Inyitangizo rukozi y’umugwi wa kabiri w’amazina ni ba-, igihe ata gikoko canke ikintu kirimwo. Muri ico gihe ica iba bi-. 4. - Amazina y'urunani y'urusangi
- Amazina y'ubucuti
- Izina ry'urunani rigizwe n'amazina abiri
- Amazina abiri afatanijwe n'insanisha
- Amazina agizwe n'amavuga abiri
- Amazina y'urunani agizwe n'ayandi majambo adasangiye ubwoko
- Amazina yunzwe n'agace nya canke ene
- Amazina y'urunani y'uruharo
- Amazina arimwo insanisha
- Amazina atarimwo insanisha
- Izina riherekejwe n'utundi tujambo turirangura
-
- serugo, inarugo, sokuru, nyokuru, marume, sowanyu, mwenewanyu, datawacu, karumunake, ...
- inka – muntu
umwana - mugabo - inka y'irembo
inkono y'itabi - somambike
igisoromandandura - ikibonamaso
amayirabiri - umunyabwoba
Umwenengwe
akenese
-
- Maguru ya nyarwari
Rukundo rwa Ntare - Rutegeramisi
Kibikizozejo
Ndayamutaye - Rufuku rwafukuye
Uburundi
Kivumu kitari
ikivumuvumu
- Maguru ya nyarwari
-
- Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe
- ayo mazina atandukanywa n'agakwego
- Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
-
- Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe.
5. - nyene
- Nyene + izina
- Nyene + irivuga
nyene + ins.
- nyene
- mwene + izina ry'urusangi
- mwene + izina ry'uruharo
-
- nyenigihugu
nyeningoma
nyenurugo
nyeninzu
nyenicubahiro - nyene kurima
nyene vyo
nyene ho
- nyenigihugu
-
- mwene senge
mwene nyinabo - mwene Nteturuye
- mwene senge
-
- Vyandikwa mw'ijambo rimwe.
- Vyandikwa mu majambo abiri.
-
- Vyandikwa mu majambo abiri.
6. amazi yo gukaraba/
Amazi y'ugukaraba
Umwete wo kwiga/
Umwete w'ukwigaVyose birashoboka.
Mw'isomerwa umunyeshure
azokwandika ico yumvise.Abarundi babivuga vyose. 7. - Mu kubikora/
mukubikora
Mu kunebwa/
mukunebwa - Yuriye ku nzu/
kunzu
Yinjiye mu nzu/
munzu - Ku shami/kw'ishami
ku nzu/kw'inzu
- mu kubikora
mu kunebwa - Yuriye
ku nzu
Yinjiye
mu nzu - kw'ishami
ku nzu
-
- ku na mu ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.
8. mu ko/muko
ndabikora ubanza
kumperamu ko Iyi sahwanya igizwe na zibiri mu + ko .
Ni hamwe na:
mu kubikora ,
ko ndabikora .9. - I muhira/imuhira
I ruhande/iruhande
I mbere/imbere
Inyuma/inyuma - I Bujumbura/Ibujumbura
- Ha ruguru/haruguru
Ha mbavu/hambavu
Ha mbere/hambere
Ha nyuma/hanyuma - Iwanje/iwa nje
Ukwiwe/Ukw'iwe - ha + irivuga
- I muhira
Iruhande
Imbere
Inyuma - I Bujumbura
- haruguru
hambavu
hambere
hanyuma - iwanje
ukwiwe - ha gupfa
wozanzama
ha kurya wonywa
Indongorazina i , na ha
zirongoye izina, vyandikwa
mw'ijambo rimwe, kiretse
iyo zirongoye izina
ry'uruharo, no mw'ijambo
i muhira . Muri iryo jambo
hari aho batanavuga iyo
ndongorazina. Ahandi hose
izo ndongorazina zihindura
amazina mu ntumbuzi
D. Indongorazina iri muri satunga birafatana.
E. ha = hako.
Ni sahwanya.10. - Aho haragutse
nayo/na yo hano haraga - Naho/na ho
niwagaruka - Nako/na ko
umengo araje - Noneho/none ho
araje
- nayo
- naho
- nako
- noneho
Ayo majambo yose ni za sahwanya. Uduce ho , ko , yo , nta co dusigura. 11. - N'aho/naho
wogaruka sinoguha - N'iyo/niyo woza
sinokubona
- n'aho
- n'iyo
Ngaha sahwanya zigizwe na zindi zibiri:
n'aho = na + aho ,
n'iyo = na + iyo .12. Uwu mwaka na ho/naho
nyene tuzokwimburana ho na = sahwanya
ho = ins. muv. ngufi.13. Imisi y'indwi ku wa mbere
uwa mbere
uwa nyumaAkajambo kerekana igiharuro
mbere kaja ukwako, akerekana
umurongo wa , uwa gutyo
, indongorazina ku gutyo nyene.14. Ins. muv. ngufi +
uduce ho , ye , e , he .Jeho, tweho, weho,
yemwe, yewe, ewe,
emwe, hemwe, heweUtwo duce nta bwoko twisangije,
twunga ins. muv.15. Ins. muv. ngufi + nyene - jenyene =
nta we turi kumwe - je nyene =
jewe nyene - bonyene =
nta we bari kumwe - bo nyene =
bobo nyene
Ins. muv. ngufi zirongora agace nyene birafatana,
kiretse zikoreshejwe mu kibanza c'ins. muvugwa ndende.16. - ngo ego/ngw'ego
ngo uyu muntu/
ngw'uyu muntu aze - kugira ngo aze/
kugira ngw'aze - uko aje/ukw'aje
- ko ushitse/
kw'ushitse
- ngo ego
ngo uyu muntu aze - kugira ngo aze
- uko aje
- ko ushitse
Ijwi o rihereza sahwanya zimwezimwe ngo, kugira ngo, ko, uko, yuko rikurikiwe n'ijwi rivuga ritangura irindi jambo, n'aho ritavugwa rirandikwa. 17. - Ni umuntu/n'umuntu
Si umuntu/s'umuntu - Abenshi ni ko bavuga/
Abenshi niko bavuga
Abenshi si ko bavuga/
Abenshi siko bavuga
Ego ni ko/ego niko
Oya si ko/oya siko - Avuga ko/avugako
- Bakame rero ni ko/
niko kwibaza ruti
- Ni uko/nuko batevye mba ngiye
- Nuko/ni uko
mukunzi muhire
Ni uko/nuko rero
Bakame rukagenda
Ego ni uko/nuko
Oya si uko/suko
- Ivyo ni vyo/nivyo
mvuga
Ivyo si vyo/sivyo
mvuga
Iyo ni yo/niyo
mvo
Iyo si yo/siyo
mvo
- Ni umuntu
Si umuntu - Abenshi ni ko
bavuga
Abenshi si ko
bavuga
ego ni ko
oya si ko - avuga ko
- ni ko
- Ni uko batevye
- ni uko mukunzi
muhire
ni uko rero
Bakame rukagenda
Ego ni uko
Oya si uko - Ivyo ni vyo
mvuga
Ivyo si vyo
mvuga - Iyo ni yo mvo
Inshozi ni na si ni utujambo turi
ukwatwo, kamwe kakaba inyemezi
akandi impakanyi.
Utwo tujambo dutegerezwa kuguma ukwatwo kuko dushobora gusubirira amavuga mu mungane atagira amavuga.
Intumbuzi y'ukwemera ko ikurikiye irivuga canke inshozi biratandukana.18. Ni mwinjire/
nimwinjire
Nti mwinjire/
ntimwinjire
Si ndabishaka/
sindabishakaNimwinjire
ntimwinjire
sindabishakaIgihe utujambo ni na si ari
imenyetso nyemezi canke mpakanyi
z'irivuga, duca dufatana n'iryo rivuga.19. Ng'uyu/nguyu
ng'abariya/ngabariyaNg'uyu
ng'abariyaInshozi ng iguma ukwayo kuko n'aho
yama ifatanye n'ins. rugena, yisangije ubwoko.20. Ata cigeze/atacigeze
Nta cigeze/ntacigeze
Nta wurya/ntawurya
akatamugoyeata cigeze
nta cigeze
nta wurya
akatamugoyeUtugetugetu tw'uguhakana nta na ata tuja
ukwatwo kuko ari amajambo yisangije ubwoko21. Kugira ngo/kugirango Kugira ngo Iyo sahwanya igizwe na zindi zibiri:
kugira na ngo .22. - Nkûkó/nk'ûkó
- Nkǔko/nk'ǔko
- nk'ûkó
- nk'ǔko
- Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri:
nka na uko . - Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya,
irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina.
23. Avuze yuko/y'uko
atazayuko Sahwanya ni yuko kuko y ntiyoba insanisha. 24. Ins. rugena + ri Uwo ari
we wese
Ico ari
co coseIjwi o rihereza ins. rugena irongoye irivuga
-ri rirandikwa.25. Nzoza ejo/
NzozejoNzoza ejo Irivuga ritegerezwa kwirebanga. 26. - Ejo bundi/ejobundi
- Hirya y'ejo/hiryayejo
- ejobundi
- hirya y'ejo
- Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe
- Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri
afatanijwe n'insanisha.
27. Igitabu
ciwanje/c'iwanje- ciwanje =
canje - c'îwânjé = c'i muhira
Bivana n'ico bashaka kuvuga:
canje = /ki-a-nje/
ciwanje = /i-a-iwa-nje/
c'îwânjé = /ki-a-i-iwa-nje/28. Na , nka + Ins. Muv. ngufi nanje, nkanje,
na je, nka je,
na bo, nka bo,
na vyo, nka vyo,
na co, nka coInsigarirazina muvugwa ngufizikurikiye
sahwanya na na nka biratandukana, kiretse
kuri nanje na nkanje kubera ko iyo nje itabaho yonyene.29. Irivuga +
+ sahwanya koSinzi ko nzoza
ejo.
bavuga ko babiziIyi sahwanya ko bayandika ukwayo,
ishobora gusubirira yuko .30. Na ko/nako
nkako/nka konako
nkakoVyandikwa mw'ijambo rimwe kuko ko nta
bwoko kisangije.
Nako umengo araje.
Kukaba nkako31. - Irivuga + intumbuzi y'ikibanza
ko , ho , yo , mwo .
- Irivuga + ins. muv. ngufi
ko , ho , yo .
- shirako,
shirayo,
shiramwo,
shiraho,
hariyo,
hariho,
harimwo,
hariko,
mfisemwo,
mfiseho,
mfiseko,
mfiseyo.
- Bihereze Imana
Bihereze yo .
Shira ka kayabu
kandi urabe yuko
wahaye ko .
Ubwo badodoye ho ?
- Izi ntumbuzi uko ari zine: ko, ho, yo, mwo
zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo.
- Igihe utujambo ko, ho, yo, ari
ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo.
32. Irivuga mperekeze
ri + koUriko urarima
twariko turigaIrivuga ri iyo ari mperekeze, rirafatana n'agace ko . 33. Amajambo yisubiriza canecane
bukebuke
buhorobuhoroAyo majambo yandikwa mw'ijambo rimwe. - UTUMENYETSO TW’UKURUHUKA
Twagumije utwari tuhasanzwe kuva na kera:
INOMERO IZINA INYANDIKO 1. akaburungu . 2. agakwabu , 3. utuburungu tubiri duhagaze : 4. kaburungu kuri gakwabu ; 5. twa mugina « » canke " " 6. kabaza ? 7. gatangazi ! 8. agakwego - 9. utuzitizo () 10. ngezaho ... Muramenye:
Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.
Uturorero: inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke
Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo. - IKORESHWA RY'URUDOME RUKURU
- Urudome rukuru rukoreshwa mu gutangura iryungane, inyuma y'akaburungu, ya kabaza na gatangazi no hagati ya twa mugina.
- Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.
- Ingorane zimwezimwe:
- Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi. - Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura.
Uturorero: Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa. - Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi. - Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo. - Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo.
Uturorero: Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware. - Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura. - Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi.
- Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
- UTWATUZO
Turavye ibitabu vy'ikirundi biri mu mashure yisumbuye, dusanga ibikurubikuru ari ivya Patiri NTAHOKAJA. Mu mashure menshi bakoresha utwatuzo turi muri ivyo bitabu. Na two ni utu:
- agakwego hejuru y'amajwi arandira: sēsa, shīma, rāmba.
- akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi: ishámi, umutwé.
- agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka: umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi.
- agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga: icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya.
- utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani: böse, twëse.
Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.