Infuluwanza
From Wikipedia
Infuluwanza canke giripe itegwa n’udukoko wandura duciye mumazuru, mumuhogo no mu bihaha. Ibimenyetso vyiyo ngwara nibi:
- umucanwa mwinshi
- kubabara mu mutwe
- kumva yuko ufise uburuhe budasanzwe
- iyo ukoroye wumva mugikiriza humagatanye
- urababara mu muhogo
- amazuru yawe aba asesa ibiseru kandi azivye udashobora guhema neza
- ugira iseseme, uradahwa canke ugacibwamwo
- imitsi irakurya
- Umubiri wawe nawo uba usasatwa.