Kizito Mihigo

Kuva Wikipedia
KARŞI MAHALLE, KOCAALİ

Kizito Mihigo yavukiye i Kibeho, igenekerezo 25 Mukakaro 1981, ni umuririmvyi n'umwanditsi w'indirimbo w'umunyarwanda. Mu mwaka wa 1994, yarokotse ihonyabwoko ryakorewe abatutsi. Ise wiwe, umushingantahe Buguzi Augustin, yaragandaguwe mw'iryo honyabwoko.

Yize amashure yisumbuye mw'iseminari ntoya y'i Butare mu Rwanda, aca abandanya mu mashuri y'umuzika mu Buraya, mu ishure rya Conservatoire de Musique de Paris mu gihugu c'Ubufaransa.

Mihigo yamenyekanye mu ndirimbo za Ekleziya katolika, n'izindi zitanga ubutumwa bw'amahoro n'ubumwe mu Rwanda. Mu mwaka wa 2014, yarasohoye indirimbo Igisobanuro c'Urupfu, abategetsi bo mu Rwanda baca barayihagarika mu gihugu cose. Mihigo yaciye arafatwa n'abajejwe umutekano, yagirizwa kugirira nabi ubutegetsi n'umukuru w'igihugu Paul Kagame. Kizito Mihigo yaremeye ivyaha vyose yagirizwa aca arasaba ikigongwe.

Igenekerezo 27 Ruhuhuma 2015, yaciriwe umunyororo w'imyaka cumi.

Dosiye:Hon. Bamporiki na Kizito Mihigo.jpg
Hon. Bamporiki na Kizito Mihigo