Igitoke

Kuva Wikipedia
(Bisubijwe kuva kuri Musa acuminata)
Igitoke

Igitoke ni igiterwa camira hejuru, gishobora kuba imfungurwa canke kikavamwo umutobe be n'inzoga ariyo bita urwagwa.

Urwarwa ni inzoga ikanywa mu bitoke vy'imirire, iyo nayo mukugira iboneke baraca ibitoke vyeze hanyuma bakabirindira ko bikaba bagaca babiziga. Babiziga mu rugarama(ikinogo bimba kugira bazobitarikemwo). Iyo vyamaze gukaba hageze ko babitarika, baracana umuriro murugarama bagaca barondera amababi kugira ntibibabuke inyuma yaho bararindira ko bisha hama iyo bimaze gusha, baca babitonora bakabishira mu bwâto bakabikanya hanyuma bagashira umutobe iruhande y'umuriro be n'umwanike canke umwambiro. Nk'inyuma y'umusi, wa mutobe ucanze n'umwanike biba vyahindutse inzoga iborera.

Banana firm in chandpur, matlab 04-09-2019
అరటి గెల IMG 6420