19th
Florian Iteka | |
|---|---|
| Born | 1994 Bujumbura |
| Nationality | Burundi |
| Other names | 19th |
| Occupation | umuririmvyi |
| Employer | Ingero:Pluralize from text |
| Organization | Ingero:Pluralize from text |
| Agent | Ingero:Pluralize from text |
Notable work | Ingero:Pluralize from text |
| Opponent(s) | Ingero:Pluralize from text |
| Criminal charge(s) | Ingero:Pluralize from text |
| Spouse(s) | Ingero:Pluralize from text |
| Partner(s) | Ingero:Pluralize from text |
| Parent(s) | Ingero:Pluralize from text |
Script error: No such module "Check for clobbered parameters".Ingero:Wikidata image
Florian Iteka bazi caane kwitazirano 19th yavukiye i Bujumbura, mu Burundi ni umuririmvyi w’Uburundi azwi cane kubera ingabirano yiwe y'ukuririmba umudiho wa hip-hop, rap, na afrobeat. Ni umuhungu wa Domitille Kiramvu, umumenyeshamakuru w’I burundi azwi cane. Uyu muririmvyi yamenyekanye cane mu muziki w’Uburundi no hanze y’igihugu.
Ubuzima bwiwe
[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]Yavutse kandi akurira i Bujumbura, 19th yavutse mu mwaka w'igihumbi n'amajana icenda na mirongo icenda na kane (1994)[1], yakuze akunda imico n’ubuhinga, kandi vyari bifise ico bimwigisha. Nyina, Domitille Kiramvu, umukenyezi rurangiranwa mu mwuga wo kumenyesha amakuru.
Akiri muto, yakunda cane umuziki maze amenyekana biciye ku ndirimbo yiwe yitwa "El Captain" (2012), yamenyekanye ku bakunzi ba hip-hop n'abandi bose. Yaciye asohora izindi ndirimbo nka "Bandit", "2013", "NZURA", n’izindi, bituma agira ikibanza gikomeye mu mwuga w’umuziki w'uburundi.
Umwuga wiwe mu muziki
[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]Ubu 19th aba mu gihugu c'Ububiligi, aho abandanya kwagura umwuga wiwe mu muziki no gukorana n’abandi baririmvyi b’abarundi. Nk’izi ndirimbo zikurikira :
- "NDIYEMERA" hamwe na Eazy Boy,
- "NDATEMUTSE" hamwe na Spoksman,
- "IVYO BITO" hamwe na Stylozoff.
Ivyo bikorwa yakoranye n'abandi birerekana ingene yitaho cane guteza imbere umuziki w’Uburundi ngo uronke ijambo ku rwego mpuzamakungu.
Ubuhinga n'ivyatumye amenyekana
[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]19th afise uburyo budasanzwe bwo kuvanga imidiho ya hip-hop igezweho n’umuziki w’Afrika, akongera akavuga ubuzima bwiwe hamwe n’ibigeragezo vya misi yose.
Indirimbo ziwe zizwi cane
[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]- El Capitain
- Bandit
- 2013
- Family
- Hip Hop
- Heat
- Nzura
Izo yakoranye n'abandi
[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]- Ndatemutse ft Spoksman
- Ndiyemera ft Eazy Boy
- Ivyo Bito ft Stylozoff
- Umuziki ft SBM Diandry