Akamaro k'Ibigori

[1]Ibigori ni bimwe mu biterwa ngengabutunzi bikunzwe kandi bikoreshwa cane muri Afurika no mu Burundi cane. Uretse kuba ari igiterwa c’ibanze ku mfungurwa za benshi, ibigori bifise n’akamaro gakomeye ku buzima, ku bukungu ndetse no kw'iterambere rusangi ry’igihugu.
1. Inyungu ku buzima:
Ku bijanye n’ubuzima, ibigori birimwo ntungamubiri zitandukanye. harimwo fibre ifasha mu gukumira ingwara zo mu mara. Ibigori binarinda ingwara nka kanseri y’amara , kandi bikarinda kuvyibuha birenzurugero kuko bituma umuntu yumva ahaze igihe kirekire. Uretse ivyo, ibigori birimwo kandi vitamin B, karisiyumu na magnesium – vyose bifasha umubiri gukora neza.
2. Inyungu mu butunzi:
Mu butunzi, ibigori ni igiterwa cinjiza amafaranga ku barimwii benshi. Biroroshe kurima kandi vyera kare. Umwimbu w’ibigori ushobora kugurishwa ku masoko atandukanye yaba ay'imbere mu gihugu canke mu mahanga. Ibi bituma bigira uruhara runini mu guteza imbere imibereho y’abenegihugu.
3. Ikoreshwa ry'ibigori mu bundi buryo:

[2]Ibigori kandi birakorwamwo ibiribwa bitandukanye birimo ifu ya kawunga, ibisuguti ndetse n’ibinyobwa kavukire. Mu bworozi, ibigori birakoreshwa nkimfungurwa nkakarore nkabatunze inkoko
.Muri rusangi, ibigori ni igiterwa c’akamaro cane mu buzima bw’abenegihugu, mu gutuma habaho iterambere rirama ndetse no mu guteza imbere inganda n’uburimwi. Kuvyitaho no kubirima neza ni ukuziganya mu buzima bw’ejo haza.