Antoinette Batumubwira

Umupfasoni Antoinette Batumubwira yavukiye mu Burundi mu mwaka w’1956, muri komine ya Ngozi. Ni umunyapolitike w’Umurundi. Yabaye umushikiranganji w'imige nderanire nayandi makungu w'Uburundi kuva mu 2005 gushika mu 2009. Uwo mupfasoni yubatse n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu Jean-Marie Ngendahayo.
Mu mpera z’umwaka w’2007[1], Batum yaratowe nk’umuntu azokurikira Alpha Oumar Konaré[2] ku burongozi bwa Komisiyo y’Ubumwe bwa Afirika mu matora y’ico kibanza mu ntango z’umwaka w’2008[3]. Leta yaragerageje kuronka infashanyo mu bindi bihugu vyo muri Afirika kugira ngo yiteze imbere, kandi ibihugu vyo mu karere k’Ibiyaga binini vyarasezeranye ko bizoyishigikira; ariko rero, mu nyuma leta yarakuyeho uburenganzira bwo kwitoza maze ishigikira Jean Ping wo muri Gabon .
Ibisobanuro
[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]- ↑ https://www.afdb.org/fr/news-and-events/antoinette-batumubwira-appointed-head-of-afdb-group-external-relations-and-communication-unit-4336
- ↑ https://www.jeuneafrique.com/216162/archives-thematique/antoinette-batumubwira/
- ↑ https://www.bbc.co.uk/greatlakes/news/story/2008/12/081210_kigalitripartite.shtml