Jump to content

Berry Music

Kuva Wikipedia

Ndemeye Bertrand, azwi kw'izina ry'umuziki wiwe nka Berry Music, ni umuririmvyi n’umwanditsi w’indirimbo wo mu Burundi. Yavukiye i Bujumbura, akaba azwi cane kubera umuziki wiwe w’imvange uhuriza hamwe Afrobeat, Afropop, na R&B, bigashimwa n’abakunzi b’umuziki haba mu gihugu imbere no mu karere ka Afurika y’Ubuseruko.

Berry Music yakuriye mu muryango hamwe nabo bavukana bakaba baranamukundira urugendo rw’umuziki wiwe. Umuririmvyi wicitegererezo ciwe akaba ari Jean Pierre Nimbona (Kidumu) hamwe n’abandi b’iki gihe. Yatanguye kwandika no guhingura indirimbo akiri muto, bituma atangura inzira y’umwuga w’umuziki ubu akaba aba mugihugu ca Canada.

Umudiho n’ico azwiko

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Umuziki wa Berry Music ni imvange ya Afrobeat, Afropop, na R&B, bikawugira uwisonera kandi ugezweho. Amajambo y’indirimbo ziwe avuga cane ibijanye n’urukundo, ubuzima, n’uguhimbaza, bigatuma abantu benshi bawiyumvamwo.

Akoresheje imvyino za kera z’Uburundi azihuza n’imidiho ya none, Berry Music yarashoboye gushiraho umudiho utandukanye n’uw’abandi baririmvyi bo mu karere.

Ibikorwa vy’ingenzi

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]
  • Berry Music yasohoye indirimbo nyinshi zashimwe cane kubera ingabirano ziwe zitandukanye.
  • Umuziki wiwe waratanguye kumenyekana cane mu Burundi no mu karere ka Afurika y’Ubuseruko.
  • Yagiye arakorana n’abandi baririmvyi hamwe n’abatunganya umuziki, bigatuma arushirizaho kumenyekana.

Intumbero n’ihangiro

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Berry Music yimirije gukoresha umuziki wiwe nk’uburyo bwo gushira ahabona umuco w’Abarundi ku rwego mpuzamakungu. Ingabirano ziwe hamwe n’umutima ashira mu mwuga wiwe bituma aba umuririmvyi atanga icizere muri Afrika y’Ubuseruko.

  • Angelina
  • MA
  • Maketa
  • Only You
  • Try me
  • Mercy
  • Melana
  • Tonight
  • Helena