Jump to content

Château-maus(castel-arkhenaton)

Kuva Wikipedia

Chateau_maus canke castel arkhenaton nimwe mubibanza canke inzu ziteye igomwe iherereye mu Rumonge yubatswe nuwitwa Albert Maus yahisemwo kuyiha izina rya "Castel Akhenaton" bivuye kurukundo yakunda umwe muba Pharaons (Egypte) yitwa Akhénaton, ubu iyonzuyigeze kwitwa Resha_Royal_Imperial_Hotel, ntuzobure kuja kuharaba. Niwajana n'umugenzi, uze umwiganire ico uhaziko Turi mumwaka wa 1961, itariki 18 Nyakanga. Abaporona baraye mumunezero mwinshi kuko umugambwe wabo watsinze Ariko Maus ahari bimwanse munda, niko guca afata umugambi wukwiyahura, ariko abanje kwandika ikete munyuma ikete ryiwe barisanze hafi yaho yiyahuriye. Aho hakaba hari kuri yanzu yiwe nziza iri mu Rumonge,yanditse avuga ko atokwihanganira intsinzi ya Uprona, kandi ko vyose vyatumwe n'Ububirigi hamwe na ONU, bo baretse Uprona iratsinda. Yasiguye ko amaraso azoseseka azoja kugatwe kabo, ko wewe yigiriye kare ntazobibone. [1]

Twibukanye ko wewe yashaka k'Uburundi butikukira, yavuga ko hakiri kare.[2]

NONE IMBERE YUKO YIYAHURA, MAUS YARI UMUNTUKI ?

Albert Maus yavukiye i Bruxelles m'Ububirigi mumwaka wi 1902...[3]

Yahejeje kaminuza y'abakoroni yi Louvain nk'umumisiyonari  (missionnaire scheutiste : umwe mubagize ishengero ry'imitima mitagatifu rya Mariya) mu 1927.[4]

Yarungitswe gukorera i mayombe muri RDC yubu mu 1929, aho yakora nk'umumisiyonari w'umukatorika. Yagumye muricogihugu gushika mu 1945 ahakoreye imirimo myinshi,m'UBURUNDIYatanguye gukorera i Burundi mu 1945 nk'umukoroni gushika kumpera y'ubuzima bwiwe 1961, bisobanura ko yaje m'Uburundi amaze gusezera gukora nk'umumisiyonari w'umukatorika,mu 1945, igihe yatanga imihoho benshi bibaza ko agire arongore, ariko siko vyabaye kuko yamaze ubuzima bwiwe bwose ari umwirebange.[5]

Murico gihe, yaratwaye ishirahamwe ry'abakoroni rya Ruanda-Urundi kuva 1949 gushika 1959[6]

Hagati muricogihe (1950-1951), yaratwaye ishirahamwe rikomeye ry'abakoroni muri Congo-Belge yari kandi umwe mubajenama b'intwaro ya Ruanda-Urundi, gushika apfuye 1961, yarazwi nk'umuntu ashigikira cane ubwoko bw'abahutu (pro-hutu) mu Burundi no mu Rwanda Bamwe bavuga ko yashaka guha ikibanza abatutsi n'abahutu batobato, abandi nabo ko ahubwo yahamagarira abo vyitwa kwari bato gukuraho intwaro yico gihe nkuko vyabaye mu Rwanda nkuko biboneka m'urwandiko tuzobaha, Gwagasore,  yavuga ko Maus adakwiye kwinjira muvy'Uburundi. Ntiyatahura ukuntu umuzungu atavukiye no m'Uburundi yemeregwa kugirira poritike yiwe hagati mugihugu ico kiri muvyatumye Umuganwa Gwagasore amwiyama, yamwagiriza ko akora cokimwe n'abatanguje urugamba rwa revolisiyo m'Urwanda (bivugwa kandi ko Maus ari mubateye intege APROSOMA), urugamba rwazanye intwaro ya Repuburika, rukuraho intwaro yacami rubanje gusesa amaraso, gwagasore yamubwira kandi ko Uburundi butandukanye cane n'Urwanda.[7]

  1. Castel Akhenaton rasha
  2. Castel
  3. Rasha
  4. Saga
  5. arkhenaton
  6. castel-arkhenaton
  7. castel-arkhenaton