Jump to content

Double Jay

Kuva Wikipedia

Mugisha Jean Junior kw'izina umuziki wamuhaye Double Jay ni umuririmvyi w’Umurundi yavukiye mu ntara ya Gitega Komine Gitega umutumba Swahili. Azwi cane mu mudiho wa RnB, Double Jay yashinze izina mu muziki w’Uburundi. Mu mwuga wiwe, yarakoranye n’amashirahamwe yo gutunganya ibikorwa vy’abaririmvyi nka IKOH Multiservice, Bantu Bwoy, na Hakim Mozza akaba ari yo yamufashije cane. maze aza no kubaka umugwi Bilimani Boy aho arikumwe n'umuririmvyi Kilikou Akili.

Double Jay yavukiye kandi akurira mu ntara ya Gitega, aho yakuze akunda umuziki. Ubukerebutsi n’ukwitanga kwiwe vyatumye atangura umwuga wiwe mu mudiho aho yakunda no kuririmba mu mudiho wa RnB ukaba ari nawo watumye amenyekana, maze bikamugira umwe mu baririmvyi rurangiranwa mu Burundi.

Abamufashije n’umwuga wiwe

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Mu mwuga wiwe, Double Jay yarafashijwe cane n’amashirahamwe yo gutunganya ibikorwa vy’umuziki nka IKOH Multiservice, Bantu Bwoy, na Hakim Mozza akaba ari yo yamufashije mu rugendo rw’umwuga wiwe w’umuziki.

  • Kazoza
  • Sinokwilalana ft Chameleon
  • Ncokoza
  • Ntabikunda
  • Nzoduga
  • Nopfa
  • Mafaranga
  • Ibisusu
  • Kirungo
  • Urugo ruhire
  • Mpa akanya
  • Ntancike
  • Kwiti kwiti
  • Narushe
  • Numva nshaka
  • Sorry Remix ft Fabelove