Gukuraho akamoto kabi
Gukuraho akamoto kabi kumubiri bitegwa umuntu ariko nyamukuru ico wokora mu gihe wipfuza gukuraho ako kamoto kabi?
Kwoga kenshi gashoboka nimiburiburi kabiri kumusi na cane mu kwaha no hagati y'amaguru, no mubirenge hagati mu mano ukoreshe isabuni; Kunywa amazi kenshi kuko bituma icuya kiba dilué akamoto kabi kakagabanuka; Irinde kurya cane inyama n'imfungurwa zirimwo ibirungo vyinshi,irya zimota cane gabanya Koresha cane indimu mu kwoga kuko acide iri mu ndimu irica utu bactéries twinshi yikoreshe cane mukwaha no kumubiri; Ambara impuzu itanga akayaga kuko iyafata cane umubiri itera ivyuya; Kumesa impuzu no guhinduranya.
Kwoga (gusukura umubiri n’amazi n’isabuni) bifise akamaro kanini cane mu gukuraho akamoto kabi ku mubiri:
Gukuraho ibyuya n’umwanda: ibyuya iyo bimaze igihe ku mubiri bivanga n’udukoko two ku ruhu bigatera akamoto kabi. Kwoga birabikuraho.
Kurandura udukoko two ku ruhu: bacteries zitera impumuro mbi ziba ku mubiri zirasukurwa n’isabuni n’amazi.
Gusukura amavuta y’umubiri: uruhu rusanzwe rukora amavuta; iyo atabaye menshi ashobora gutera impumuro mbi.
Gutanga isuku y’uruhu: kwoga bituma uruhu rumera neza kandi rugahumura neza.
Gutuma wumva umeze neza: umuntu yogejwe yumva afise isuku n’ukwihweza neza mu bantu.
Mu ncamake, kwoga ni uburyo nyamukuru bwo gukuraho akamoto kabi no kugumana isuku y’umubiri.