Ikigabane ca 14

Kuva Wikipedia

Aburamu, abami na Merekisedeki

1 Mu gihe ca Amuraferi, umwami w'i Shineyari, Ariyoki, umwami w'i Erasari, Kedorerahomeri, umwami w'i Heramu, na Tideyari, umwami w'i Goyimu, 2 barwanya Berahi, umwami w'i Sodoma, Bireshahi umwami w'i Gomora, Shineyabu umwami w'i Adema, Shemeberi umwami w'i Tseboyimu na Berahi ari ho Tsohari. 3 Abo bose bari bateraniye hamwe mu kiyaya ca Sidimu, ari co kiyaga c'umunyu. 4 Bari bamaze imyaka icumi n'ibiri batwarwa na Kedorerahomeri; ariko mu mwaka ugira icumi na gatatu baragarariza. 5 Mu mwaka ugira icumi na kane, Kedorerahomeri n'abami bari kumwe na we baraza, batsinda Abarefa i Hashetaroti Karenayimu, Abazuzi na bo i Hamu, Abemiyimu na bo i Shawe Kireyatayimu, 6 Abahori, ku mutumba Sehiri, gushika i Eri Parani iri hafi y'ubugaragwa. 7 Barakimirana baja amaja i Henimishepati ari ho i Kadeshi, bayogeza intara yose y'Abahamareki n'Abemori b'i Hatsetsonitamari. 8 Umwami w'i Sodoma aragenda, hamwe n'umwami w'i Gomora, umwami w'i Adema, umwami w'i Tseboyimu n'umwami w'i Berahi ari ho Tsohari, bagabiriza kubarwaniriza mu kiyaya ca Sidimu. 9 Hanyuma barwanya Kedorerahomeri umwami w'i Heramu, Tideyari umwami w'i Goyimu, Amuraferi umwami w'i Shineyari, Ariyoki umwami w'i Erasari. Bari abami bane kuri batanu. 10 Ikiyaya ca Sidimu cari cuzuyemwo ibinogo vya kaburimbi; bariko barahunga, abami b'i Sodoma na Gomora babikorokeramwo, abasigaye bahungira mu misozi. 11 Banyaga amatungo yose y'i Sodoma na Gomora, n'ibifungurwa vyose, barigira. 12 Bahitana Roti, umuhungwabo wa Aburamu yaba i Sodoma n'amatungo yiwe yose, barigira. 13 Indokoke imwe iza kuburira iyo nkuru Aburamu Umuhebereyi, na we yaba mu mimanda y'i Mamure, Umwemori, mwenewabo na Eshekori akaba na mwenewabo na Haneri; abo na bo bari barunze ubumwe na Aburamu. 14 Aburamu yumvise ko umuhungwabo yafashwe, agomora ingabo ziwe zigizwe n'abantu amajana atatu na cumi n'umunani zavukiye mu rugo iwe, arabakurikira gushika i Dani. 15 Azicamwo imigwi kugira ngo abatere mw'ijoro, we n'ingabo ziwe; arabatsinda, arabahindagiza gushika i Hoba ibubamfu bwa Damasi. 16 Agarura amatungo yose, agarura n'umuhungwabo Roti, n'amatungo yiwe, hamwe n'abagore, n'abandi bantu. 17 Umwami w'i Sodoma aza kumusanganira atabarutse, ahejeje gutsinda Kedorerahomeri n'abandi bami bari kumwe mu kiyaya ca Shawe, ari co kiyaya c'umwami. 18 Merekisedeki na we, umwami wa Saremu akaba yari umuherezankuka w'Imana Rudasumbwa, yamusanganije umukate n'umuvinyu. 19 Ahezagira Aburamu avuga ati: «Aburamu nahezagirwe n'Imana Rudasumbwa, yo yaremye ijuru n'isi. 20 N'Imana Rudasumbwa nihezagirwe, yo yarekuriye abansi bawe mu minwe yawe.» Ni ho Aburamu yaca aha Merekisedeki ic'icumia c'ivyo yatabarukanye. 21 Umwami w'i Sodoma abwira Aburamu ati: «Nsigira abantu utware amatungo yawe.» 22 Aburamu amwishura ati: «Ndakirije ikiganza ndacerekeza ku Mukama, Imana Rudasumbwa, Yo yaremye ijuru n'isi. 23 Nta n'akanyuzi, nta n'akazana k'inkweto! Sinzotwara ikintu na kimwe mu vyawe, kugira ngo ntuze uhave uvuga uti: Ni jewe natungishije Aburamu. 24 Nsigira gusa ibingana n'ivyo izo ngabo zawe zariye, n'imituri y'abantu twajanye. Haneri, Eshekori na Mamure na bo bazokwitorera imituri yabo.»