Ikigabane ca 21

Kuva Wikipedia

Izahaki na Yishemaheri

1 Umukama agendera Sara nk'uko yari yarabivuze; Umukama agirira Sara nk'uko yari yamubwiye. 2 Sara asama inda, avyarira Aburahamu umuhungu mu busaza, ku gihe nyene Imana yari yaramubwiye. 3 Aburahamu yita Izahaki uwo muhungu yari yamuvukiye, uwo Sara yari yamuvyariye. 4 Aburahamu agenyera umuhungu wiwe Izahaki amaze imisi umunani, nk'uko Imana yari yarabimubwirije. 5 Aburahamu yari amaze imyaka ijana aho umuhungu wiwe Izahaki yavuka. 6 Sara avuga ati: «Imana yarampaye gutwenga! Uwuzovyumva wese azotwenga hamwe nanje.» 7 Yongera avuga ati: «Ni nde yobwiye Aburahamu ko Sara yokwonkeje ibibondo? None, ndamuvyariye umuhungu mu busaza bwiwe!» 8 Umwana arakura, hanyuma aracuka. Aburahamu agira umusi mukuru ukomeye ku musi Izahaki acuka. 9 Hanyuma, Sara abona wa muhungu Aburahamu yavyarana na Hagari umunyamisiri ariko aritwengera. 10 Abwira Aburahamu ati: «Irukana iyo ncoreke n'umuhungu wayo, kuko umuhungu w'iyo ncoreke adakwiye gutorana hamwe n'umuhungu wanje Izahaki.» 11 Iryo jambo ryerekeye umuhungu wiwe rirashavuza cane Aburahamu. 12 Imana imubwira iti: «Ntushavure kubera ivy'uwo muhungu n'incoreke yawe. Ivyo Sara akubwira vyose, uramwumvira, kuko muri Izahaki ni ho uruvyaro rwawe ruzogira izina. 13 Ariko, n'umuhungu w'incoreke yawe nzomugira igihugu, kuko na we nyene akomoka kuri wewe.» 14 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, yakira umukate n'umukuza w'amazi, abihereza Hagari, hanyuma abitereka ku rutugu rwiwe hamwe na wa mwana, aca aramurungika. Aca aragenda aja kuyerera mu bugaragwa bwa Berisheba. 15 Amazi yari muri wa mukuza amaze guhera, Hagari arambika umwana munsi y'igiti kimwe mu vyari aho. 16 Hanyuma aragenda, yicara ahitanguye, nk'aho umwampi woshika. Yibwira ati: «Simbone umwana ariko aracikana.» Ni ko kwicara ahitanguye, agaturikisha akarira. 17 Imana yumva ijwi rya wa mwana. Intumwa y'Imana iri mw'ijuru ica ihamagara Hagari amubaza ati: «Ni amaki ga Hagari we? Ntutinye, kuko Imana yumvise ijwi ry'uwo mwana aho ari. 18 Haguruka, vyura umwana umufate ukuboko, kuko nzomugira igihugu kinini.» 19 Imana ihumura amaso ya Hagari, aca abona iriba ry'amazi; aragenda, yuzuza amazi wa mukuza, ayaramiza umwana. 20 Imana iba kumwe n'uwo mwana, arakura, agerera mu bugaragwa, atorana umwuga w'uguhigisha umuheto. 21 Agerera mu bugaragwa bwa Parani; nyina wiwe amukwera umugore mu gihugu ca Misiri.

Isezerano rya Aburahamu na Abimereki i Berisheba

22 Muri ico gihe, Abimereki na Pikori, kizigenza w'ingabo ziwe, babwira Aburahamu bati: «Imana muri kumwe mu vyo ukora vyose. 23 Ubu rero, ndahira Imana ngaha nyene ko utazompemukira, jewe, abana banje n'abuzukuru banje; ariko ko uzongirira ubuntu twe n'iki gihugu watsemwo indaro, nk'uko nanje nakugiriye ubuntu.» 24 Aburahamu avuga ati: «Ndabirahiye.» 25 Aburahamu yitwara kuri Abimereki ko abasuku ba Abimereki bamunyaze iriba ry'amazi. 26 Abimereki avuga ati: «Sinzi uwakoze ivyo bintu; na we ntiwari bwigere ubimbwira; uyu musi nyene ni ho ndavyumvise.» 27 Aburahamu afata ibitungwa bitobito na bininibinini, abiha Abimereki, bompi baca bunga isezerano. 28 Aburahamu asobanura amashashi y'intama indwi mu bitungwa bitobito. 29 Abimereki abaza Aburahamu ati: «Ayo mashashi indwi y'intama wasobanuye ni ay'iki?» 30 Yishura ati: «Ni ukugira ngo wakire ayo mashashi indwi y'intama nguhaye, azombera icemezo ko ari jewe nimvye iryo riba.» 31 Ni co gituma ico kibanza bacise Berisheba, kuko ari ho bompi bahaniye indahiro. 32 Ni uko, bungira isezerano i Berisheba. Abimereki na Pikori, kizigenza w'ingabo ziwe, barahaguruka, basubira mu gihugu c'Abafirisiti. 33 Aburahamu atera umumanda i Berisheba, yambarizaho izina ry'Umukama Imana yamaho. 34 Aburahamu amara imyaka myinshi aba mu gihugu c'Abafirisiti.