Ikigabane ca 42

Kuva Wikipedia

Yakobo arungika abahungu biwe mu Misiri

1 Yakobo amenya ko mu Misiri hariyo ingano, araheza abwira abahungu biwe ati: «Ko murabana ni amaki?» 2 Yakobo ati: «Ehe numvise bavuga ko mu Misiri hariyo ingano. Manukeyo, musumireyo kugira ngo tubeho ntidupfe.» 3 Benewabo na Yozefu icumi baramanuka gusuma ingano mu Misiri, 4 ariko Yakobo ntiyarungika Benyamini mwene nyina wa Yozefu ngo ajane na benewabo, kuko yavuga ati: «Yohava ashikirwa n'inabi.» 5 Bene Isarayeri bajana n'abandi gusuma ingano, kuko hari ikigoyi mu gihugu ca Kanahani.

Yozefu amenya benewabo akabakarira

6 Yozefu na we yari yagizwe umukuru mu gihugu ca Misiri, ni we yagurisha ingano ku bantu bose mu gihugu. Benewabo na Yozefu barashika, bakubitira ibipfukamiro imbere yiwe, bunamika amaso hasi. 7 Yozefu abonye benewabo aca arabamenya, ariko we ntiyabimenyesha, atako arabakarira. Ababaza ati: «Mwaje muva hehe?» Bishura bati: «Twaje tuva mu gihugu ca Kanahani, twaje gusuma ivyokurya.» 8 Yozefu aramenya benewabo, ariko bo ntibamumenya. 9 Yozefu yibuka indoto yigeze kurota ziberekeye. Ababwira ati: «Muri abatasi, mwaje gutata ahoroshe kumenera muri iki gihugu.» 10 Bamubwira bati: «Oya Muhanyi, abasavyi bawe bazanywe n'ugusuma ivyokurya. 11 Twese tuvyarwa n'umugabo umwe, tukubwije ukuri, abasavyi bawe si abatasi namba.» 12 Ababwira ati: «Haba namba, mwaje gutata ahoroshe kumenera muri iki gihugu.» 13 Bishura bati: «Twebwe abasavyi bawe, twavukana turi icumi na babiri, tuvyarwa n'umugabo umwe mu gihugu ca Kanahani. Umuhererezi wacu yasigaranye na data uyu musi, uwundi na we ntakiriho.» 14 Yozefu ashira ijwi hejuru ati: «Ivyo nababwiye ni vyo, muri abatasi. 15 Ng'iki ico ndabategeyeko: ntimuzova ngaha umuhererezi wanyu adashitse hano, indahiro ni Farawoni! 16 Rungika umwe muri mwebwe aje kuzana mwenewanyu. Namwe nimugume muboshwe, kugira ngo duhinyuze amajambo yanyu, turabe ko muvuga ukuri. Ahandiho, ni izina rya Farawoni, muri abatasi!» 17 Araheza abamaza gatatu mw'ibohero. 18 Ku musi ugira gatatu, Yozefu ababwira ati: «Kore ico ngira ndababwire, muzobaho. Erega ndubaha Imanaa. 19 Nimwaba muri imvugakuri, umwe muri benewanyu nasigare muri iyi nzu mubohewemwo. Namwe nimugende, mushire ingano imiryango yanyu ishonje. 20 Hanyuma muzonzanire mwenewanyu mutoyi, kugira ngo duhinyuze amajambo yanyu, mwoye gupfa.» Bagira uko. 21 Babwirana bati: «Ni ivy'ukuri, turiko turishura inabi twagiriye mwenewacu; twarabonye amagorwa y'umutima wiwe igihe yadutakambira tukanka kumwumviriza. Ni co gituma aya magorwa yatuguyeko.» 22 Rubeni abishura avuga ati: «Sinari nababwiye nti: Ntimucumure kuri uwo mwana, ntimwumveb! None ehe turiko turabazwa amaraso yiwe.» 23 Na bo ntibamenye ko Yozefu yabitegera, kuko hagati yabo hariho uwusobanura. 24 Yozefu ava iruhande yabo, aja kurira, araheza agaruka aho bari arabavugisha. Abakuramwo Simeho, amubohesha babona.

Abahungu ba Yakobo basubira muri Kanahani.

25 Hanyuma Yozefu ategeka ko buzuza ingano amagunira yabo, kandi ko umwe wese bamusubiriza amafeza mw'igunira ryiwe, bongere babatekerere impamba y'urugendo. Uko ni ko babagiriye. 26 Baremeka ingano indogobwe zabo, bava aho baragenda. 27 Bageze aho barara, umwe muri bo apfundurura igunira ngo agaburire indogobwe yiwe, yubuka ku mafeza yiwe, yari mu munwa w'igunira ry'ingano. 28 Abwira benewabo ati: «Bansubije amafeza yanje, ng'aya mw'igunira!» Umutima urabavamwo bagira ubwoba, babwirana bati: «None Imana yatugiriye ibiki?» 29 Barashika kwa se Yakobo mu gihugu ca Kanahani, bamwiganira ivyabashikiye vyose. 30 Bamubwira bati: «Umugabo aganza igihugu yaradukariye, atwita abatasi bariko baratata igihugu. 31 Twamwishuye tuti: Tukubwije ukuri, ntituri abatasi. 32 Twavukana turi icumi na babiri, dusangiye data; umwe wo muri twebwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na data mu gihugu ca Kanahani. 33 Uwo mugabo aganza igihugu, atubwira ati: Kugira ngo menye ko muvugisha ukuri, nimusigarane umwe mu bo muvukana, mutore ivyo mushira imiryango yanyu ishonje, muheze mugende. 34 Hanyuma muzonzanire mwenewanyu mutoyi, ni co kizomenyesha ko mutari abatasi, ariko ko muvuga ukuri. Nzoca ndabasubiza mwenewanyu, muzohore mwitemberera muri iki gihugu.» 35 Bariko baracuranura ibiri mu magunira yabo, basanga mw'igunira ry'umwe wese harimwo agatu k'amafeza yiwe. Bo, na se wabo babonye utwo dutu tw'amafeza yabo, ubwoba burabatekera. 36 Se wabo Yakobo ababwira ati: «Murampekuye! Yozefu ntakiriho, Simeho ntakiriho, none na Benyamini na we mumuntware! Vyose binguyeko!» 37 Hanyuma Rubeni abwira se wiwe ati: «Nintamukugarukanira, urica abahungu banje babiri. Numunshinge, jewe nzomukugarukanira!» 38 Avuga ati: «Umuhungu wanje ntamanukana namwe. Mwenewabo yarapfuye, uwu na we asigaye wenyene. Hogira inabi imushikira muri iyo nzira mufashe, mwomanura ikuzimu imvi zanje zuzuye agahinda.»