Ikigabane ca 6

Kuva Wikipedia

ISEGENYA
Inyanduruko y'isegenya
1 Abantu bari batanguye kugwira kw'isi, bavyaye n'abakobwa. 2 Abahungu b'Imana babona ko abakobwa b'abantu ari beza, barongora abo bicaguriye muri bo. 3 Umukama avuga ati: «Umutima wanje ntuzoguma mu muntu imyaka yose. Azoteba asigare ari ikibiribiri gusa n'imyaka yiwe ntizorenga ijana na mirongo ibiri.» 4 Muri iyo misi, hariho abantu b'ibihangange kw'isi. Kandi ni ho vyari bikiri, igihe abahungu b'Imana baza kugendera abakobwa b'abantu bakabavyarako abana. Ni bo ntwari zo hambere aho, abo bantu rurangiranwa. 5 Umukama abona ko ububisha bw'umuntu buguma bwongerekana kw'isi, umusi wose umuntu awumara umutima wiwe wiyumvira kugira inabi gusa. 6 Umukama rero arigaya ko yaremye umuntu kw'isi, biramubabaza mu mutima wiwe. 7 Umukama avuga ati: «Ngiye kuzimanganya kw'isi umuntu naremye, kuva ku muntu gushika ku bikoko, ibinyogomba n'inyoni zo mu kirere, kuko nigaye ico nabiremeye.» 8 Ariko Nowa we Umukama amuraba ryiza. 9 Ng'uru uruvyaro rwa Nowa: Nowa yari umuntu w'intungane, ntiyagira amahinyu mu bo barukanye ico gihe. Yamye ayoboka Imana. 10 Nowa avyara abahungu batatu: Semu, Hamu na Yafeti. 11 Isi yari yahumanye imbere y'Imana, isigaye yuzuye ububisha. 12 Imana iritegereza isi ibona yahumanye, kuko abantu bose bari basibanganije imigenzo yabo kw'isi. Imyiteguro ya Nowa 13 Imana ibwira Nowa iti: «Uko ndabibona, umuhero w'igifise umubiri cose urashitse! Nkako isi yuzuye ububisha kubera abantu, mbere nza kubatikiza hamwe n'iyo si. 14 Weho niwibazire ubwato mu biti vy'uburembo. Nya bwato uzobucamwo ivyumba, ubuhomeshe ifumba imbere n'inyuma. 15 Ng'uku ukuntu uzobugira: mu burebure buzogira intambwe i amajana atatu, mu bwaguke mirongo itanu, mu buhagurutsi na ho mirongo itatu. 16 Ubwo bwato uzobuha igisenge gikirurutse. Uzogifatira ku ntambwe imwe amaja hejuru, ni ho uzobusakarira; umuryango w'ubwato uzowushira ku ruhande, uzobuha igice j co munsi, ica kabiri n'ica gatatu. 17 Nanje ngiye kurekurira isegenya kw'isi itikize ikiremwa cose gifise ubuzima munsi y'ijuru, ikiri kw'isi cose kizopfa. 18 Nzokwunga isezerano ryanje hamwe na we; uzokwinjira mu bwato, wewe, n'abahungu bawe, n'umugore wawe, n'abakazana bawe. 19 Mu bifise ubuzima vyose, mu bifise umubiri vyose, uzokwinjiza mu bwato bibiribibiri, ikimasa n'isumba, kugira ngo na vyo ubirokore kumwe na we. 20 Mu bwoko bw'ibiguruka, mu bwoko bw'ibikoko, mu bwoko bwose bw'ibinyogomba hasi, bibiribibiri mu bwoko bwose bizokwinjira iwawe kugira ngo bibeho. 21 Nawe, akira ku biribwa vyose, uvyiziganirize; ni vyo bizoba imfungurwa ya mwe na vyo.» 22 Nowa arabigira. Nk'uko Imana yabimutegetse, ni ko yabigize.