Jump to content

Inamujandi

Kuva Wikipedia

Si imigani, Inamujandi yarabayeho mu mateka y'Uburundi !

Inamujandi tuvuga, ni umurundikazi yahagurukije ingabo yiteguriye kurwanya abakoroni. Mu bihe Uburundi bwaciyemwo, hari Abarundi bagiye bariyamiriza intwaro zibakandamiza. Muri abo bantu, Inamujandi yarimwo, yegeranije abanyagihugu b'i Ndora (ni hagati ya Kayanza na Cibitoke) mu kwikurako intwaro zabakoroni, mu 1934.

Mu cese ciswe "Inamujandi", cakinywe   itariki 11 Mukakaro 2025, mu kigo ndangakaranga  "Izuba", harerekanywe uruhara n'ubwira butangaje bw'uwo mukenyezi avugwa muri kahise k'igihugu.