Jump to content

Kuber'iki indege isiga imirongo mukirere

Kuva Wikipedia

Igituma indege isiga imirongo mukirere biva kubintu vyishi[1]

Woba warigeze kuraba indege mu kirere, maze ubona zisize imirongo yera inyuma yazo? Woba Waribajije icarico? Reka ndagusigurire:[2]

Niki kibituma

iyo mirongo yera bita mu gifaransa traînées blanches, mu congereza bita contrails ni ijambo riva kuri "condensation" na "trails", bivuga “umurongo uva ku kwikika kw’ubushuhe”[3]

Contrails ni imirongo iboneka kubera ukwikika (condensation) kw’umwotsi w’amazi usohoka mu mashini z’indege iyo zinyegeza carburant (kérosène)[4]

Ni hehe biboneka cane

Ibi bikunda kubaho iyo indege iri kure Cane mukirere kuburebure burenga imetero 8000 (ni ukuvuga nka kilometero 8 uvuye hasi), ahaba hagera ubushuhe bwinshi (humidity) kandi hakaba hakonje cane (nko munsi ya -39°C). Ico gihe amazi aba asohotse mu mashini z’indege ahinduka urubura buhoro buhoro, bigatuma haboneka iyo mirongo yera.[5]

  1. Kuki indege isiga imirongo
  2. kuki indege isiga imirongo mukirere
  3. Kuki indege isiga imirongo mukirere
  4. kuki indege isiga imirongo mukirere
  5. kuki indege isiga imirongo mukirere