Jump to content

Kwivuga umukenyezi

Kuva Wikipedia

Umukenyezi

kunda tumuvugire ivyese icese!

Umukenyezi akwiye ibirezi n'ibirezo

Ivyo akora birisa ntibisaba ivyemezo

Ni inkingi ikingira bose niwe buye ry'iremezo

Ni we Mawe, ni mushikanje ni senge nishimira

Kuko akorana urweze yitanga atiteze abamushimira.

Ni umurinzi urinda akaranga, ni itunga

Aragahorana Imana aronke abana kuko aritanga,

Tumwise "igisabo gisayangana kigasangiza abasanganywe"[1]

Oya ntitwoba twibeshe, ugushishikara kwiwe nikwo kwadushikanye aha.

Ni we yateye intambwe ngo nanje ntambuke

Ngo nshobore kubona ya mitumba itatse Uburundi

Imwe mpora nihweza bikanka ko mpeza sinigere mpezagirika

Ahubwo nkahezagira Rugira yagize ko umukenyezi ambera imbarutso

Imbarutso nziza yinziza mu vyiza; ni mwiza ni ahangame nk'itsits

Umukenyezi yanyigishije ibikorwa

Yabinkundishije ngo sinze nicwe n'amagorwa

Iyo ashaka ubu mba narashitseyo

Simba ngira izina, mba ntaratembera Uburundi

Kuba nzi Kirundo, i Gihanga no mw' Ishanga

Kuba ntembera ku Ruvubu na Nyakazu ntamba Umuhanga

Kuba Tanganyika ndayitembera nkayitaka mbwira abanyamahanga

Ni kubera hari Umukenyezi yakenyereye ibanga

Gushika aho nanje basigara banyita umuhinga.

Hangama Mukenyezi tuguhanze amaso.

  1. Kwivuga amazina