Jump to content

Silas ntigurigwa

Kuva Wikipedia

Lieutenant GénéralSilasNtigurirwa niw Musirikare Wicabwenge Kandi yize Amashure Meshi Uburundi bufise , azwi cane kubera Ibikogwa vyiwe vy’uguharanira amahoro no guteza imbere inzego z’umutekano mu gihugu. -Uyu Musirikare Yavukiye muntara ya Cibitoke , Commune Mugwi , Itariki 12 Kigarama mu 1968. - Yize muri Lycée Cibitoke (ex-EFI), hanyuma abandanyiriza amashure yiwe mu Rwanda aho yaronse " diplôme des humanités générales" . - Muri 2008–2011, yize mu gisata c’amategeko muri Université Espoir d’Afrique Hanyuma nomuri 2011–2012, azakwiga muri "National Defence College" muri Kenya, aho yaronse "Certificate in Grand Strategy " , yanditse igitabu c’ishure kivuga ku “Post-conflict security sector reform in Africa: case study Burundi”. Urugendo gwiwe mugisirikare Nibikogwa yakoze vyubutwari :

1994 Yinjiye mumugwi wa CNDD-FDD aho yabaye mu nzego z’ubuyobozi bw’igisirikare. - 2000–2003 Yabaye umukuru wa komisiyo y’umutekano n’ingabo mu biganiro vy’uguhagarika intambara hagati ya Reta yarihari icogihe n’umuhari CNDD-FDD. - 2003–2004 Yabaye "coordinateur adjoint" w’igisirikare c’igihugu, ashinzwe kwinjiza abasirikare bavuye mu muhari CNDD-FDD mu gisirikare ca Reta.

2004–2012 Yabaye Directeur Général des Ressources Humaines mubushikiranganji bw’ingabo, hanyuma abana Secrétaire Permanent muri ubwo bushikiranganji. 2013–2014 Yagizwe Commandant en chef wa AMISOM (African Union Mission in Somalia), aba umuburundi wambere n’ umunyafrika atari Umunya-Uganda agiye kuruwo mwanya kuva mushigwa ry’iyo misiyo mu 2007.

 - Mu gihe ciwe, yatsinze ibikogwa bikomeye harimwo kwigarurira ibisagara 26 vyari mu minwe ya Al-Shabaab , harimwo Baraawe , biciye mu bikorwa vya Operation Indian Ocean

nyuma ya AMISOM. Muri2015 , yagizwe Directeur Général de l’Institut National de Sécurité Sociale (#INSS) n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Mugabo mwuyo mwaka nyene Yagirijwe Mubagize uruhara mw' igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi Arikumwe na niyombari ku wa 13 Rusama 2015, ariko yarabihakanye biramukundira kandi ntani bimenyetso bifatika vyemeza ivyoyagirizwa vyaribihari vyigeze bitangwa ku mugaragaro.

Mumajambo make Ibikorwa vyiza mubumenyi mu bijanye n’ugusubiza hamwe abasirikare, uguhagarika intambara, no guteza imbere amahoro mu karere vyamugize Intwari Muri Somalia Ndetse nokugihugu camwibarutse