Jump to content

Ubuzima b'umweranda Bonaventura

Kuva Wikipedia
  • ✝️ UMWERANDA BONAVENTU RA (1221-1274), Umwihevyi n'umukardinali n'umuhinga mu vy' Imana

📖Muri umuco w'isi, ni mwebwe munyu w'isi (Matayo 5,1314).

Yohani Fidenza yavukiye mu Butaliyano, , mu kigwati gitoya ca Bagnoreya. Bahavuye bamutazira Bonaventura. Kwa betimane-Fransisko niho Yigiye gusoma, ahava asaba kwinjira mu muryango wabo amaze imyaka mirongo ibiri n'ibiri. Yize mu gisagara ca Paris, ahava aba umwigisha waho, aba n'umugenzi w'umwami Ludoviko mweranda.

Ashikanye imyaka mirongo itatu n'itanu, niho bamutorango abe umukuru w'umuryango wose wa bene-Fransisko aca aboneraho gukebura mu bafrera bisangiye umuryango imenyero nziza zaranga Fransisko mweranda: akanyamuneza, kwamana mu kanwa ininahazwa ry'lmana, kwizera Indavyi muri vyose, kutihambirira kwitunga. Ikindi yitwararitse n'ukugendera imibano y'umuryango yari arongoye n'ukurungika bene-Fransisko benshi kumenyesha Yezu mu ntara z'aba-Muhamedi. Abo mu ntara z'Ubulaya bwose barakunda kumutumako ngo aze kubigisha. Hari igihe bashaka kumugira umwepiskopi mukuru wa York mu Bwongeleza, nawe aranka. Ariko rero uwundi musi, Papa yamurungikiye intumwa ziza kumubwira ko yatorewe kuba umukardinali, baraza basanga ariko ariyogereza amasahani ; baramushikiriza iryo batumwe, nawe arabemerera. Niho rero Papa Gregori w'icumi yahava amurungika ngo aje kumuserukira mu nama nkuru y'Ekleziya gatolika yabereye i Lyon mu Bufransa, muri yo bakaba bashaka kurondera uburyo abo mu Bulaya bw'ubuseruko n'abo mu burengero bosubiza hamwe... Yahwereye mu gihe nyene iryo koraniro ryariko riragirwa. Mu bitabu yanditse, yashimikiye ku nyigisho za Ogustino mweranda zitubwira ko ingabirano Imana iduha zifise ikibanza kinini mu buzima rukristu, akatwumvisha kandi ko uwugutegera nk'uko bikwlye ivy'lmana. Frère Gille yamubwiye ati: «Mwebwe abahinga murahiriwe kuko lmana ibaha ingabirano nyinshi zo gutahuza ivy'ijuru, ariko nka twebwe ibijuju ubona twomara iki ?» Ni ho Bonaventura yamwishura ati : «Ingabirano y'agakura Imana itanga ni iyifasha abantu bose kuyikunda ». Yaranditse ati : « Uwuhanga amaso Kristu yabambwe akabigirana ukwemera, akamwitura, uwo rero barasangira guhimbaza Pasika n'ukuvuga ko yitwaza umusalaba akajabuka ikiyaga gitukura».