Ubuzima bw'umweranda Herve
- ✝️UMWERANDA HERVE , Umwihevyi
📖Umukama ni we muco wanje, ni we mukiza wanje (Izabuli 26,1).
ku kirimba c'umwami w'Ubufransa Childeberto hari umushingantahe yaturuka mu Bwongeleza yitwa Hyvermion. Yahora anezereza umwami mu kwivuga amazina mu misi mikuru. Yavyaye umuhungu vian (Herve), mugabo yari impumyi. Akiri muto nyina wiwe yaramwigishije amazabuli yose, hanyuma Herve amaze gukura yashimye kwigana abasore benshi bagiye kwihebera Umukama ahiherereye ngo basengereyo. Ashikanye imyaka ikwiye, araheba ab'imuhira aca agenda mu kibira ngo yame akebukana n'lImana. Naho yari impumyi yaramurikirwa n'umuco uvuye ku Mana, akama aninahazwa n'ubwiza bw'Umuremyi.
Nkuko Benedikto Yozefu Labre mweranda azobigira, Herve yama atemberera mu bigwati ahezagira abana, imirima n'amazu. Na bo bashima kumuhamagara ngo abuzurize mu manza.
Umwepiskopi w'i diyosezi Yarimwo (diyosezi ya Leon mu ntara ya Bretaniya mu Butransa) yashaka kumuha ubusaserdoti, na we aramwankira ariko akoranya abasore batari bake ngo abigishe gusenga neza no kwibabaza kugira ngo bibuke amagorwa y'Umukama. Baramutora ngo abe umuyobozi wabo, akabunganira mu nzira y' ubweranda gushika apfe.
Mu buzima bwiwe bwose yararwanije cane Shetani, na yo umusi umwe yamubwiye ko ari we aboreza abantu kugira ngo baryane. Herve yari afise indogobwe yamufasha kwiremeka ibintu vy'imirima yiwe; umusi umwe ibingira iracakira ya ndogobwe, rirayirya. Herve arashavurira ya nyamaswa yongera ayitegeka kwiremeka ibintu vyiwe mu kibanza ca ya ndogobwe. Rya, bingirarica rirabigira buno nyene.