Jump to content

Ubuzima bw'umweranda Lorenti

Kuva Wikipedia
  • ✝️ UMWERANDA LORENTI W' BRINDIZI (1559-1619),

📖Umwihevyi n'umuhinga mu vy'Imana Naragutoye ngo unyuzurize mu makungu, ubere umuco ibihugu (zaya 42,6).

Lorenti yavukiye muri Brindizi mu Butaliyano, abavyeyi biwe bashimye ko yinjira mu basirikare ariko lero «ivyiyumviro vy'Imana sivyo vy'abantu». Lorenti ashikanye imyaka cumi n'itandatu yumvise ijwi ry'Umukama ryamuhamagarira kwinjira mu batoni b'ubwami bwiwe, aca yinjira mu muryango wa Bene-Fransisko w'i Asizi mweranda mu gisagara ca Verone. Aca agenda kwiga mw'ishule kaminuza ya Padu imyaka itari mike. Yari umuntu w'ubumenyi bwinshi cane akavuga indimi nyinshi : igifransa, ikidagi, ikigreki, igihebreyi n'izindi. Yatanze inyigisho atarya umunwa, ingaburo yatanga muri zo zari gutatu: ubwenge, utwigoro n'ibisabisho.

Abapapa Klementi w'umunani na Paolo wa gatanu baramurungitse mu bihugu vyinshi: Ubudagi, Ububiligi, UbuSwisi, Ispaniya, Portugali, Hongriya, kugira ngo atunganirize abari mu mudurumbanyo yongere asubize itoto Ekleziya yononekajwe n'abaprotestanti, Mu ndwano y'aba katolika n'abanyislamu. Muri Hongriya, barabonye Lorenti akirije umusalaba mu minwe aravyurira umwete n'ubutwari abasirikare b'abakristu.

Hanyuma lero baramutora ngo abe umukuru w'umuryango wa Bene-Fransisko; muri ivyo bikorwa bari bamushikirije yaciye abandanya kwitonda no kwicisha bugufi. Urugendo rwiwe rwa nyuma rwari urwo kugenda muri lspaniya kugira ngo akebure kw' izina rya Papa umwami Filipo wa gatatu gutekereza mu gutwara abantu biwe. Agarutse yaryamiye ukuboko kw'abagabo.