Jump to content

Umunyota

Kuva Wikipedia

Umunyota ni ivu risigara nyuma yo guturira ibintu nk'ibiti, ivyatsi, cangwa ibishishwa vy’ibirimwa n'ibindi. Umunyota ufise akamaro kenshi mu buzima bwa buri munsi, cane cane mu mumitumba ( muburimyi n'ubworozi) .

Ngako akamaro k’umwavu:

1. Gufumbira isindimwa: Umwavu ufasha kongera ivyunyunyu mw'isindimwa (potassium, calcium).

2. Kurwanya udukoko mu bitegwa – Bawushira ku bigori, ibijumbu n'ibindi bitegwa kugira ngo wirukane udukoko.

3. Isuku mu rugo – Usukura ibikoresho nk’ibyuma, utubindi, n’inkono.

4. Kurwanya aside (acidité) mu butaka – Ubuso burimo aside nyinshi bushobora kunanirwa kwera; umwavu urabugabanyiriza.

5. Ubuvuzi bwa kavukire – Aho hambere bawukoresha nk’ifu yo gusiga ku ahavyimba cangwa inkovu.

Icitonderwa: Nubwo ufise akamaro, sivyiza kuwushira kuri buri gitegwa kuko ushobora kwica ibimera bimwe iyo urengeje urugero.