Jump to content

Umurima w'ibijumbu

Kuva Wikipedia

Umurima w’ibijumbu ni agace k’isi ndimwa karimwemwo "ibijumbu" bivuye ku bimera (mucongereza sweet potatoes).

Ibintu nyamukuru ku murima w’ibijumbu:

1. Isi ndimwa: hakunze kuba harimwo ishwagara (lime) kandi ifise amazi ahagije ariko ataretsemo amazi menshi.

2. Gutera: Ibijumbu biterwa hakorejwe imibuto (imivyuka) ishirwa mw'isi ndimwa.

3. Gucunga: Bisaba kurindwa ivyonyi.

4. Isarura (iyimbura): Ibijumbu bisarurwa ( vyimbugwa) nyuma y’amezi 3–5, bitewe n’ubwoko.

Akamaro k'ibijumbu:

- Ibijumba biribwa nk’ibiribwa nyamukuru ( mbumbarugo).

- Birimwo isukari karemano (carbohydrates), indemamubiri, n’ivyunyunyu.

Akamaro k'amazi ku murima w'ibijumbu mu ncamake:

Afasha ibijumbu gukura neza no kwaguka.

Atuma imizi y'ibijumbu ifata intungamubiri zo mu butaka.

Arinda ibijumbu kwuma mu gihe c'izuba.

Yongera umwimbu n'ubwiza bw'ibijumbu.

Muri rusangi, amazi ni ngirakamaro kugira ibijumbu bikure neza kandi bitange umwimbu mwiza.