Jump to content

Victorious Team

Kuva Wikipedia

Victorious Team ni umugwi w'abaririmvyi baririmba indirimbo z'ivugabutumwa ukaba ukorera mu Burundi, ugizwe n’abanditsi, n’abaririmvyi batandukanye, bafise ingabirano zitandukanye mu mudiho w’umuziki. Intego yabo nyamukuru ni iyi:

"Dushikiriza Ukuri kwahishuwe: Yesu yapfuye ku musaraba ku bwo kuducungura."

Inkomoko n’ihangiro

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Uyu mugwi washinzwe mu mwaka w' 2016, utangura urugendo rwo gushikiriza ubutumwa bwiza biciye mu muziki. Victorious Team ifise intumbero yo gukomeza ukwizera, kwigisha indangagaciro z'ubukristu, no gutanga inyigisho n’akanyamuneza bifatiye ku mpwemu.

Umudiho n’ihangiro ry’umuziki wabo

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Victorious Team uvanga imidiho itandukanye, utuma umuziki wabo wumvikana ku bantu bose. Bafata umuziki wa kera w’ivugabutumwa bakawuhuza n’igihe ca none, maze bikorohera abantu benshi kubitahura no kubikunda.

Indirimbo zabo zishingiye ku butumwa bwo gucungurwa, urukundo, n’ukwizera, bikomoka ku migenzo yabo y’ubukristu. Intego yabo si ukuryoherwa gusa ariko kandi no gushikiriza inyigisho zishingiye ku buntu bw’Imana no gukomeza imitima y’ababumva.

Ivyerekeye kwumvikana mu binyamakuru

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Kuva batangura mu 2016, Victorious Team yarashikirije ibikorwa vyinshi bitandukanye birimwo indirimbo n’amashusho aboneka ku mbuga nka YouTube hamwe n’ahandi mu binyamakuru bitandukanye mu Burundi no hanze y’igihugu. Bakunzwe cane kubera umwitwarariko n'ubuhinga bwabo bakoresha mu gutegura neza umuziki w’ivugabutumwa wabo, bigatuma ugera mu mitima ya benshi kw’isi yose.

Victorious Team ni umwe mu migwi izwi cane mu Burundi mu bijanye n’umuziki w’ivugabutumwa. Ibikorwa vyabo bikunzwe kubera ubutumwa bw’Imana hamwe n’ugukwiragiza neza ibikorwa vyabo bakoresheje ubuhinga nguruka na bumenyi, bigatuma baba umwe mu migwi azwi muri ico co kuririmba indirimbo mpimbaza Mana.

  • Provider
  • Hodari
  • Yamaraso
  • Ubwenge
  • Ekisa ft Levixone
  • Mmshaka
  • Nkoresha ft Gaby Kamanzi
  • Kuluse
  • Baraka
  • Imigambi ft Redemption voice
  • Papa