Australiya

From Wikipedia
Jump to: navigation, search
Ibendera ya Australiya
Australiya

Ubwenegihugu bwa Australiya n’intambwe ikomeye cane muri kahise kawe k’umwimukira. Ukuba umwenegihugu wa Australiya bimenyesha ko wiyemeje ko uzobandanya ivyo Australia iharanira n’ico iki gihugu kimaze. N’intango kandi yo kuba umunywanyi ashitse wa Australiya. N’intambwe izotuma uvuga uti "ndi Umunyaustraliya".

Imisi ya mbere Abanyabulaya bimukira muri Australiya[edit | edit source]

Ukwimuka kw’Abanyabulaya kwatanguye igihe ubwato 11 buzanye abaciriwe urubanza rwo gufungwa, buzwi nk’ubwato bwa mbere (First Fleet) bwashitse buvuye mu Bwongereza kw’italiki 26 Nzero 1788.

Muri ico gihe amategeko y’abongereza yari akaze cane k’uburyo amafungiro atari agishobora kwakira abantu benshi nk’abo k’uvyaha vyabo. Kugira batorera umuti iyi ngorane, Leta y’Ubwongereza yaciye ifata umugambi wo gutwara abo banyororo mu kindi gice cisi: igihugu c’ubukoloni gishasha arico “New South Wales”.

Bulamatali wa mbere w’ubwo bukoloni bwa New South Wales yitwa kapiteni Arthur Phillip. Yaratoreye umuti ingorane nyinshi mu gihe ca mbere Abanyabulaya bimuka. Ubwo bukoloni bwaratabarutse kandi buraterembere bubifashijwemwo n’abanyororo n’abimuka baza barashika, Iyo koloni yarakuze kandi iriteza imbere. Izindi koloni zaciye zishingwa mu bindi bice vy’igihugu.

Igihugu ca Australiya[edit | edit source]

Mu myaka yakurikiye, izo koloni uko zari zitandukanye zaciye ziharira ingene zoba igihugu kimwe. Mu 1901, amakoloni yose yaciye yiyunga agira igihugu kimwe bise Commonwealth of Australiya. Muri ico gihe, abantu ba Australiya bangana imiliyoni 4. Iki gitigiri ntiharimwo Benagataka.

Intara n’ibice vyisunga intara vya Australiya[edit | edit source]

Ico bita Commonwealth ni intara n’ibice vy’intara vyiyunze. Hari intara zitandatu n’ibice vy’intara bikuru bibiri. Canberra ni umurwa mukuru w’igihugu, intara yose n’igice gikukira intara ifise umurwa mukuru wayo.

Intara Umurwa mukuru
New South Wales (NSW) Sydney
Victoria (Vic.) Melbourne
Queensland (Qld) Brisbane
Western Australia (WA) Perth
South Australia (SA) Adelaide
Tasmania (Tas.) Hobart
Ibice vyisunga intara Umurwa mukuru
Australian Capital Territory (ACT) Canberra
Northern Territory (NT) Darwin
Canberra niwo kandi murwa mukuru wa Australiya

Umusi witiriwe Anzac[edit | edit source]

Anzac Cova (Turukiya)

Umusi wa Anzac uhimbazwa igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kwa Ndamukiza buri mwaka. Uwo musi wa Anzac wahawe iryo zina inyuma yaho intwaramiheto za Australiya na New Zealand zashika Gallipoli muri Turukiya mugihe c’intambara y’isi yose ya 1 kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa Ndamukiza 1915.

Umusi wahariwe Anzac n’umusi twibuka ukwitanga kwa Abanyaustraliya bakoreye igihugu n’abandi baguye k’urugamba, tukibuka n’ingwano zabaye hamwe n’ibikorwa vyo kubungabunga amahoro. Dushimagiza kandi ukwitanga n’ubukerebutsi bw’abashingantahe n’apfasoni ba Australiya.

[edit | edit source]

[edit | edit source]