Ibiyayura umutwe

Kuva Wikipedia
Ibiyayura umutwe

Ibiyayura umutwe ni ibintu bihindura ingene umubiri wawe usanzwe ukora. Bironona amagara kandi biragoye kuvyihanganira no kubiheba mugihe ubifata kenshi.

Inzoga hamwe n’ibiyayuramutwe bimwe bimwe biratuma umuntu yihebura, n’ukuvuga yuko bishobora gutuma umuntu yumva ko yijiriwe, agira ivyiyumviro bibi, canke acika ikiyingiyingi. Rimwe na rimwe abantu bijiriwe canke bihebuye baca banywa inzoga zikaze kugira ngo bibagire ingorane bafise canke bagabanye ububabare, ariko ntibabone ko ivyo bituma bihebura gusumba canke indwara yabo yongerekana. Ibiyayura mutwe ni ibintu umuntu yihereza bigatuma umubiri wiwe ukora ugutandukanye n'uko wohora ukora, ikigo kijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS kivuga ko buri mwaka ibiyayura mutwe vyica za miliyoni z'abantu kw'isi nzima.

Cocaine3
Marlboro cigarettes