Ikigabane ca 10

Kuva Wikipedia

Abantu basubira kugwirirana kw'isi 1 Isegenya ihavuye, bene Nowa ari bo: Semu, Hamu na Yafeti baravyaye abana. Ng'uru uruvyaro rwabo: 2 Bene Yafeti ni Gomeri, Magogi, Madayi, Yavani, Tubari, Mesheki na Tirasi. 3 Bene Gomeri ni Ashekanazi, Rifati na Togarema. 4 Bene Yavani ni Erisha, Tarashishi, Kitimu na Dodanimu. 5 Guhera kuri bo, ni ho hashingwa imbibe z'ibihugu vyabo mu makungu, umwumwe wese hakurikijwe ururimi rwiwe n'intara yiwe, hakurikijwe igisata ciwe. 6 Bene Hamu ni Kushi, Misiri, Puti na Kanahani. 7 Bene Kushi ni Seba, Havira, Sabeta, Rahema na Sabuteka. Bene Rahema ni Sheba na Dedani. 8 Kushi yongera avyara Nimerodi. Ni we yabaye intwari ya mbere kw'isi, 9 aba umuhigi w'intwari imbere y'Umukama. Ni ho bavuga bati: «Ni nka Nimerodi umuhigi w'intwari imbere y'Umukama.» 10 Ubwami bwiwe bwatanguriye i Baberi, Ereki, Akadi, n'i Karene mu ntara ya Shineyari. 11 Ava muri ico gihugu agenda mu Bwashuri, yubaka kandi Niniva, igisagara ca Rehoboti na Karahi, 12 na Reseni hagati ya Niniva na Karahi, igisagara kinini. 13 Misiri avyara Abarudi, Abahanamu, Abarehabu, Abanafetuhi, 14 Abapaterusi n'Abakaseruhi ari bo Abafirisiti bamukamwo, avyara n'Abakafetori. 15 Kanahani avyara Sidoni imfura yiwe, na Heti, 16 n'Umuyebusi, Umwemori, Umugiregashi, 17 Umuhivi, Umuhareki, Umusini, 18 Umwaruvadi, Umutsemari n'Umuhamati. Hanyuma imiryango y'Abakanahani irasabagira, 19 imbibe za Kanahani zahanuka i Sidoni amaja Gerari, zigashika i Gaza, zigashishikara amaja Sodoma na Gomora, Adema na Tseboyimu zigashika i Resha. 20 Abo ni bo bene Hamu, hakurikijwe ibisata vyabo, hakurikijwe indimi zabo, mu ntara zabo no mu bihugu vyabo. 21 Semu, mukuru wa Yafeti yaravyaye na we, bene Heberi bose ni we bamukako. 22 Bene Semu ni Heramu na Ashuri, Arupakeshadi, Rudi na Aramu. 23 Bene Aramu ni Hutsi, Huri, Geteri na Mashi. 24 Arupakeshadi avyara Sherahi, Sherahi na we avyara Heberi. 25 Heberi yavyaye abahungu babiri. Umwe yitwa Peregi, kuko mu gihe ciwe ari ho abantu bo kw'isi bacikamwo imigwi. Murumunawe na we yitwa Yokitani. 26 Yokitani avyara Aremodadi, Sherefi, Hatsarumaveti, Yarahi 27 na Hadoramu, Uzari, Dikera, 28 Hobari, Abimayeri, Sheba, 29 Ofiri, Havira na Yobabu. Abo bose ni bo bene Yokitani. 30 Intara yabo yahanuka i Mesha igashika i Sefari, umusozi wo mu buseruko. 31 Abo ni bo bene Semu, hakurikijwe ibisata vyabo, hakurikijwe indimi zabo, mu ntara zabo no mu bihugu vyabo. 32 Iyo ni yo miryango ya bene Nowa, hakurikijwe imvyaro zabo mu bihugu vyabo. Guhera kuri abo ni ho hashingwa imbibe z'ibihugu kw'isi isegenya ihavuye.