Ikigabane ca 7

Kuva Wikipedia

Nowa yinjira mu bwato
1 Umukama abwira Nowa ati: «Niwinjire mu bwato, wewe n'abo mu nzu yawe bose, kuko mu bo mwarukanye ari wewe musa uri intungane mu maso yanje. 2 Mu bikoko vyose bitazira, tora indwindwi, ikimasa n'isumba yayo; mu bikoko bizira na vyo, utore bibiri; ikimasa n'isumba yayo. 3 Mu biguruka mu kirere na vyo, utore indwindwi, ikimasa n'isumba, kugira ngo bize birondore ubwoko bwavyo kw'isi yose. 4 Nkako, mu misi indwi, ngiye kurekurira imvura kw'isi, imare imisi mirongo ine n'amajoro mirongo ine, ivyo nagize kw'isi vyose ndabitikize.» 5 Nowa agira vyose nk'uko Umukama yari yabimutegetse. 6 Nowa yari afise imyaka amajana atandatu aho isegenya y'amazi yuzura kw'isi.

Ikiza

7 Kubera amazi y'isegenya, Nowa yinjira mu bwato, n'abahungu biwe, n'umugore wiwe, n'abakazana biwe. 8 Ibikoko bitazira n'ibikoko bizira, ibiguruka n'ivyo vyose binyogomba hasi, 9 bibiribibiri, ikimasa n'isumba, vyinjira mu bwato kwa Nowa nk'uko Imana yari yabimutegetse. 10 Imisi indwi iheze, amazi y'isegenya aradengera kw'isi. 11 Mu mwaka ugira amajana atandatu y'ubuzima bwa Nowa, mu kwezi kwa kabiri, kw'igenekerezo ry'icumi n'indwi ry'ukwo kwezi, kuri uyo musi nyene, amariba yose y'amazi i bwina kure arisuka, igisenge c'ijuru kiruguruka. 12 Hanyuma imvura yisuka kw'isi mu misi mirongo ine n'amajoro mirongo ine. 13 Kuri uyo musi nyene, Nowa n'abahungu biwe Semu, Hamu na Yafeti, umugore wa Nowa n'abakazana biwe batatu, binjira mu bwato, 14 bo n'ibikoko vyose hakurikijwe ubwoko bwavyo, ibitungwa vyose hakurikijwe ubwoko bwavyo, ibinyogomba vyikwega hasi vyose hakurikijwe ubwoko bwavyo, inyoni zitunzwe hakurikijwe ubwoko bwazo, ibiguruka vyose n'igifise amababa cose. 15 Mu bwato kwa Nowa hinjira bibiribibiri muri ivyo vyose bifise umubiri urimwo impemu z'ubuzima. 16 Mu bifise umubiri vyose, hinjira ikimasa n'isumba, nk'uko Imana yari yabimutegetse. Umukama aca aramwugarira urugi. 17 Isegenya imara imisi mirongo ine kw'isi. Amazi araduga, aterura ubwato, bureremba hejuru y'isi. 18 Amazi aragwirirana, aruzura isi, ubwato buguma bureremba hejuru ku mazi. 19 Amazi aguma agwirirana cane kw'isi, n'imisozi miremire yo munsi y'ijuru iramirwa, 20 amazi arengera imisozi gushika ku ntambwe icumi na zitanu. 21 Ibifise umubiri vyose binyagara kw'isi, ibiguruka, ibitungwa, ibikoko vyo mw'ishamba, ibinyogomba hasi vyose n'abantu bose biratikira. 22 Ivyahemera mu mazuru vyose, ivyaba kw'isi yumutse birapfa. 23 Ivyari kw'isi vyose biratikira, kuva ku bantu gushika ku bitungwa, ibinyogomba n'inyoni zo mu kirere. Birazimangana kw'isi, harokoka gusa Nowa n'ivyari kumwe na we mu bwato. 24 Amazi yiganza kw'isi imisi ijana na mirongo itanu.