Imbata

Kuva Wikipedia
imbata (Anas hottentota)
imbata (Nettapus auritus )
Canard huppé

Imbata ni igikoko gifise amababa nk'inyoni, kikagira umunwa ufyase kandi muremure.

Imbata zikunda ahantu kenshi hari amazi, zimwe mbere usanga zibera mumazi, mugihe izindi ziba kw'isi zorowe cane cane n'abantu mumihana yabo.

Mubijanye no kurondoka, imbata zirata amagi nka kurya kw'inkoko canke inyoni muri rusangi, zikabundikira hama inyuma y'ikiringo kanaka zikaberura ya magi akavamwo imiswi y'imbata nyene.