Kwiyahura

Kuva Wikipedia
Kwiyahura

Kwiyahura

Iyo abantu bacitse ibiyingiyingi canke barwaye indwara zindi zo mu mutwe, bashobora kugerageza kwikomeretsa canke kwiyica.

Rimwe na rimwe abantu biyahura kubera ko babona umenga n’ubuhungiro bw’ingorana barimwo canke bw’ububabare, ishavu, ivyo biyotsa, kuba ruhebwa canke nyamwigendako. Abantu baraheza bakiyumva nk’abari mu munyororo canke barengewe n’ibintu iyo bibaza ko ibintu bitazopfa bibaye vyiza gusumba canke ataco bashobora gukora kugira ngo bahindure ibintu n’ibindi. Ivyo birababangamira bikababuza kubona inyishu zibereye kandi zogira akamaro. Mu bwenge bwabo ntibipfuza gupfa ariko barondera aho bohungira. Abantu biyahura ntibabona ko bashobora guhindura ibibahanze canke ngo bamenye ingene bokwikura ivyiyumviro bibatuma bihebura.

Abahinga bavyigiye barashobora gufasha abantu kugira basubirane akanovera k'ubuzima, ubuzima bwabo bugasubira kubona intumbero kandi bakagira icitegererezo c'ubuzima bwabo. Kwiyahura rero ahanini biva k'umwiheburo urengeje, bigatuma yumva yopfa hakuguma mur'ayo magorwa.

Kwiyahura bikorwa mu buryo butandukanye: hari abisungaza ku kiziriko, hari abicumita cank bakirasa, hari abiha uburozi, hari n'abitega imiduga, n'ibindi.

Octave Tassaert, An Unfortunate Family aka Suicide 1849
Edouard Manet, Le Suicidé, 1877