Amahoro
Amahoro ni iki?
Amahoro niciyumiro cerekana ituze canke itekane hamwe no kutabaho guhungabana, ibibazo, intambara nimishamirano.
Amahoro afise akamaro kangana iki?
Amahoro ni ngombwa mu bucuruzi, gutera imbere mu butunzi buramba no kwisununura. Kandi, iduga ry’ubutunzi n’iterambere rirama, haba mu gihugu ndetse no ku rwego mpuzamakungu, birashobora guteza imbere amahoro.
Ibintu biranga amahoro
Ibiranga amahoro bikurubikuru ni kwihanganirana, imigenderanire myiza, gusangira no kwubahiriza uburenganzira bwa buri wese. Umuco w'amahoro rero uharanira kurwanya gutoteza, ubukene no guhungabanya ibidukikije.
Nigute dushobora kubaho mu mahoro?
Kubana mu mahoro bisigura kwemera ubudasa buri hagati y abantu, gutega amatwi, kwerekana icubahiro, kwubahana no gushimira abandi no kubaho mu burwaneza n'umwumvikano.
.