Amata

Kuva Wikipedia

Amata ni ikinyobwa kiva mubikoko bimwe bimwe vyonsa, gifise irangi ryera. Ni ikinyobwa kirimwo ingaburo yikwije iri ku rugero rwo hejuru, gikoreshwa cane cane mu kugaburira abana bakiri bato, kigatuma bakura neza bafise amagara meza, ariko nabakuze barayihereza kuko ni ntanganguvu cane cane kubakora ikarashishi. Mugabo nkabana bakivuka sivyiza gushoka babaha amata nkakarorero nk'ay'inka kubera aba arimwo ingaburo nyinshi idakwiranye n'umwana. Rero ni vyiza ko abana baba bakiri bato cane nk'abakivuka kugera ku mezi atandatatu babaha amata yitwa amaberebere kuko ariyo abafasha gukura neza.

Ico kinyobwa (amata) kiranyobwa kandi n'abakuze ndetse kikanabagirira akamaro kanini kuko kirimwo ingaburo yikwije gose.

Amata.
Amata ari mu kirahuri.

Amata aboneka akenshi akamwe mu bikoko nk'inka. Ariko araboneka kandi no mubindi bikoko nk'impene n'ibindi.