Burundi Bwacu

Kuva Wikipedia
Coat of unity in Burundi

Burundi Bwacu ni indirimbo ihayagiza igihugu c'Uburundi. Amajambo yayo yateguwe n'umugwi w'abanditsi bari bayobowe na Patiri Yohani Batista Ntahokaja. Umudiho wayo nawo wateguwe na Mariko Barengayabo. Iyo ndirimbo yatowe ngo ibe icivugo c'Uburundi mu 1962 igihe bwikukira.

Burundi flag icon

Burundi bwâcu[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Burundi Bwâcu, Burundi buhire,
Shinga icúmu mu mashinga,
Gaba intahe y’úbugabo ku bugingo.
Warápfunywe ntíwapfúye,
Waráhabishijwe ntíwahababuka,
Uhagurukana, uhagurukana, uhagurukana, ubugabo urîkukira.
Komerwamashí n’ámakúngu,
Habwa impundu n'âbâwe,
Isamírane mu mashinga, isamírane mu mashinga,
Burundi bwâcu, rági ry’ábasôkúru,
Ramutswa intahe n’íbihúgu,
Ufatanije ishaka n’ubúhizi
Vuza impundu wiganzuye uwakúganza uwakúganza.
Burundi bwâcu, nkóramútima kurí twese,
Tugutuye amabóko, umutima n’úbuzima,
Imâna yakúduhaye ikudútungire.
Horana umwami n’ábagabo n’ítekane.
Sagwa n’úrweze, sagwa n’ámahóro mezá.