IMPUZU BAMBARA KERA

Kuva Wikipedia

Kera Abazungu bataraza mu Burundi, Abarundi bambara impuzu z'ibiti, kandi zava mu biti bitandukanye ni nabo bazikorera bakoresheje ubuhinga bwabo.

1.Ibiti impuzu zavamwo

Hariho:

-Igiti c'umumanda

-Igiti c'umuhororo

-Igiti c'umuvumuvumu

2.Uko bazikora

Barafata igiti c'umumanda bakakimyora hanyuma urusato bakuyeko bakaruhonda n'imangu kugira urukoba rwo hejuru ruveko hanyuma rworohe.Bahejeje bagaca barutwara mu mwonga kurwinika mu bishanga kugira ruhindure ibara.Bararukurayo bakarusiga imbazi ariyo mavuta y'inka kugira rworohe.Hanyuma bararuraba indabe bakoresheje urushanga kugira rugire amabara meza.

3.Ivyo bakoresha mu gukora izo mpuzu

-Imangu: yariyo guhonda urusato rw'umumanda kugira rworohe, yarikoze mw'ihembe ry'inka, ku mutwe ikagira utuntu tumeze nk'imisumari ni natwo twabafasha gukurako igishishwa co hejuru kugira urusato rworohe.

-Uruhindu: barucura mu vyuma, bakaruha izuru kugira rubarire neza.

-Imisurusuru: yava mu duti turanda bita imiboroza canke ibisuru, ni nayo yavamwo inyuzi zabarira nya mpuzu.Izo mpuzu zari zifise amazina atandukanye.

4.Amazina y'izo mpuzu

Hariho:

-Urubega canke imbega:Zari impuzu z'abagabo.

Ikuturiya:zambara abagore bazikenyera kugeza mu mabere.

-Utumindo canke akamindo:twambara abana kugira banyegeze ibihimba vy'ibanga.

M.N:Akenshi izo mpuzu barazisiga amavuta y'inka kugira zigume zoroshe kandi ntibazimesa kugira ntizitituke.Abana bambara impuzu bageze ku myaka cumi n'ine canke cumi n'itanu.Impuzu z'ibiti ntizaronka uwariwe wese, zaronka abami, abaganwa n'abatunzi, abandi nabo baragenda gukorera abatunzi kugira babahe impuzu.

5.Ukwo abagabo bambara kera

Hejuru y'urubega canke imbega, Abagabo barambara ibihete bininibinini, iyo vyava ntawuhazi neza.Ariko bamwe bavuga ko vyaseswa n'uruzi bikaza bisa n'imiruka y'ibifyera bingana n'ibakure bikitwa ibirungu.Abandi bavugako vyava mu binono vy'inzovu.Ibihete vyaboneka bigoranye kandi vyaronka abatunzi.Ico vyavamwo cose vyagurwa vyinshi cane.Igihete gisenye neza cagurwa inka nyinshi cambarwa n'abami, abaganwa n'abatunzi.

6.Ukwo abagore n'abigeme bambara kera

Dufatiye kuvyo Yohani Gahama yanditse mu gitabo ciwe citwa "Les vetements en fecus au Burundi ancien"(Impuzu z'ibiti mu Burundi bwa kera] avugako umugore yambara umukenyero n'umutamana munini washobora no gufuka umwana ahetse.Yarambara urutezo iyo yavyaye.Mugushaza yambara ubudede n'ubuyeye mw'izosi be n'imiringa ku maboko.Nayo ku maguru yambara inyerere.Umugore afise umugabo yifise yagira imyambaro ibiri: impuzu z'inkoranwa n'impuzu z'inkesha zambarwa ku misi mikuru.Abakenyezi bahumuye bari bafise ugushaza kwabo bisangije aho bambara inyerere nyinshi ku maguru bakambara n'impuzu y'ubunyerere n'iyindi mpuzu y'ibidorodomyi hejuru yavyose.

Abana b'abakobwa bakiri bato bambara ibikwemu bakenyerera haruguru y'igikiriza nayo abana bakiri bato bataragera mu bigero bagenda amenya, bakambara gusa utuntu mw'izosi two gushaza; nk'utudede, uduhete n'uduheko.Aho hari ku ntwaro ya cami imbere yuko abazungu baza ni ho Abarundi bambara impuzu z'ibiti.Abazungu bamaze kuza niho baca basubiriza impuzu z'ibiti n'impuzu zihinguwe mw'ipampa(1900-1970].