IMVYINO N'INTAMBO KAMA

Kuva Wikipedia

Mu burundi kuva kera na rindi hari imvyino n'intambo [1]bitandukanye vyafasha abarundi gukerebuka, kwinezereza eka ndetse no kugumana umuco ndundi.

AMAYAYA[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Amayaya ni imwe mu ntambo zatambwa muburundi, Amayaya akaba yari intambo imwe mu ntambo nyinshi zabaho mu Burundi.


Inkomoko yazo[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

NK’uko umupfasoni Christine Ndayizeye abituyagira, izo ntambo zifise intara zikomokamwo, kandi imwe yose ikaba yisangije n’ingene itambwa. Ni uko rero, ugiye mu buraruko bw’igihugu, mu karere ka Bugesera, uhasanga intambo zifitaniye agashusho n’izitambwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Ni intambo kandi z’aborozi b’inka. Tuhasanga umudiho; intambo batamba amaboko ari hejuru nk’amahembe y’inka, bagatamba bigera hejuru bavuna isambwe. Turahasanga kandi n’intambo y’intore, igishakamba, n’izindi.

Mu karere ka Buyogoma ho, uhasanga umutsibo, intambo batamba banyuguta ikiyunguyungu, bagakebanya amaboko. Urahasanga kandi n’igihambwe, ingaramira, umudeyo, zose zikaba zitandukanye imwe n’iyindi. Naho mu kiyaya ca Kumoso, batamba urwedengwe, intambo batamba bahiba igikiriza basa n’abakijugumiza. Urahasanga kandi ihuruma n’ubusambiri.

Mu karere ka Kirimiro naho, tuhasanga ihunja; ni intambo itambwa n’abigeme, bakayitamba bagorora umutumba n’izosi, hamwe n’Amaka batamba baduza bongera basanza amaboko nk’amahembe y’inka. Iyi bakaba bayisangiye n’intara kama ya Mugamba na Bututsi zisanzwe zorora inka. Ariko tukiri mu Kirimiro nyene, ntawokwibagira umurisho w’ingoma, intambo y’ikirundi izwi no mu makungu.  Imbo naho hatambwa umuyebe.


Zitambwa na bande?[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Mu ntambo z’ikirundi, hari izisangijwe n’abigeme (n’abapfasoni), izitambwa n’abagabo gusa, hamwe n’izisangirwa na bose ; zose zikaba zatambwa zigaragaza ibihe abantu barimwo, akenshi akaba ari umunezero. Nyinshi muri zo zikaba zari zihuye n’ibikorwa bimwebimwe, nk’intambo y’intore yiharijwe n’abagabo ikaba ari intambo y’urugamba, co kimwe n’umuhanga, intambo y’uruhigi, nayo yatambwa n’abagabo gusa.

Urwendengwe, abana b’abakobwa barutamba bariko barigira haruguru, bagiye gusenya, kuvoma canke gukora utundi dukorwa, bagahiba igikiriza. “Kubera baba batanguye gukuza amabere, bayitamba kugira bereke imisore yaba iragiye inyambo canke iri mu bindi bikorwa vy’abana b’abahungu, ko bariko barakura, kugira ngo bagire ico bibwiye, gutyo babwire ba se bati murambariza umwana wo kwa naka ariko arigira haruguru, murabe munsabire”, uko  niko Christine abivuga.

Hariho rero n’intambo zitambwa n’abagabo n’abagore bose hamwe; nk’umudiho, igihambwe n’izindi. Nazo amayaya n’umurisho w’ingoma, zisangiwe n’igihugu cose, zikaba ari intambo zitambwa mu manza zikomakomeye z’igihugu, no mu bihe vy’umunezero nk’iyo umwimbu wagenze neza.

Ivyo gusoma :

  1. Ni kuki kizira ko umwigeme avuza ingoma ?

Mu gihe ca none, urwaruka rwinshi rurijukiye gutamba intambo kama, bamwe bakabikora mbere mu guteramisha abantu bakaronka n’agafaranga; ibitari bibi na gato. Ariko kenshi na kenshi, ugasanga inyambaro bambaye, amajambo ari mu mvyino, eka mbere n’urubanza  barimwo, bisa n’ibitandukanye n’intambo bariko baratamba. Bakazivangatiranya, ivyo bikaba bisubiza inyuma umuco w’ikirundi. Kumenya kahise n’insiguro y’intambo imwe yose vyofasha kutazititura no kuziteza imbere.

Refferences[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

  1. Mu Burundi dufise intambo nyinshi zitandukanye kandi ziteye igomwe. Zikomoka mu mihingo itandukanye y’igihugu, zigatambwa na bose, abato n’abakuze.  None izo ntambo zoba zitambwa mu gihe ikihe ? Zikomoka mu turere utuhe ? Umupfasoni Christine Ndayizeye, umutamvyi yabigize umwuga akaba ari mu batanguje umugwi ndangakaranga “Abagumyabanga”, araduha umuco.