Ibidukikije mu Kirundo

Kuva Wikipedia

Intara ya Kirundo ni intara imwe mu ntara cumi n'umunani zigize igihugu c'uburundi, ikaba iri m'uburaruko bw'igihugu c'uburundi, m'ubumanuko bw'igihugu c'urwanda. Intara ya Kirundo igizwe n'amakomine indwi: Kirundo, Vumbi, Bugabira, Gitobe, Ntega, Bwambarangwe na Busoni.

Kirundo ni imwe muntara z'uburundi zifise ivyo zisangije kurusha izindi ntara aho twovuga nk'ibiyaga, ihindagurika ry'ikirere n'ibindi. Ibiyaga dusanga mu ntara ya Kirundo ni: Cohoha, Rweru, Rwihinda na Gacamirindi. Ariko ibitangaje Kirundo iri muntara z'uburundi zikenye amazi meza ya ruse go.

*Ibiranga intara ya Kirundo* 

Intara ya Kirundo irangwa n'ubushuhe ariko atari bwinshi be n'imbeho iza iraza rimwe na rimwe ariko atari kenshi.

*Uburimyi mu ntara ya Kirundo* 

Mu ntara ya Kirundo turahasanga ikikorwa vy'uburumyi n'ubworozi aho muri iyo ntara harimwa cane cane: ibiharage, ibigori, amasaka, imyumbati, n'ibihoke, ibindi bitegwa birarimwayo ariko atari cane.

*Ibidukikije muntara ya Kirundo* 

Mu ntara ya Kirundo turahasanga ibidukikije vyiza cane ndetse bishobora kuba iratiro kandi bikazana ingenzi. Aho twovuga nk'inyoni zo ku kiyaga Rwihinda, Aho izo nyoni ziva mu makungu mu bihugu vya Buraya zikaza guta amagi no kuberurira kuri ico kiyaga ndetse zikaza no kuhacumbika mugihe ikirere co mubihugu vya Buraya cahindutse kikaba kitorohereza ubuzima bwazo. Muri ico gihe zica ziyizira kwibera mu Burundi muntara ya Kirundo kukiyaga Rwihinda ni naco gituma baciye bacita ikiyaga c'inyoni.

*Ikirere c'intara ya kirundo* 

Ikirere c'intara ya kirundo rimwe na rimwe kiratangaje kuko kirashobora guhindagurika cane nubwo kirimwo amazi menshi(ibiyaga), kirakunze gukena imvura aho haraho usanga uruzuba gwatse cane rukabangamira imirima ndetse rugatuma hatera n'inzara kandi Kirundo yari muntara zambere z'uburundi zimbuka neza. Ariko iyo Ikirere cagenze neza akavura kakagwa neza Kirundo ni intara yimbuka cane ndetse igasagurira n'izindi ntara bihana imbibe nka Ngozi, Muyinga n'izindi ndetse n'ibihugu bibanyi nk'urwanda Tanzania ndetse na Reta Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.