Ibikikije intara ya Muramvya

Kuva Wikipedia

Intara ya Muramvya ni imwe mu ntara 18 zigize igihugu cacu c'uburundi.

Intara ya Muramvya iri muntara zohagati mugihugu c'uburundi.

Mu buseruko, Muramvya ihana urubibe n'intara ya Gitega, Mu burengero naho, intara ya Muramvya ihana urubibe n'intara ya Bujumbura Rural hamwe n'intara ya Bubanza. Mu buraruko, intara ya Muramvya ihana urubibe n'intara ya Kayanza mugihe mu bumanuko naho, Muramvya ihana urubibe n'intara ya Mwaro.

Intara ya Muramvya igizwe n'ikomine zitanu arizo: Mbuye, Bukeye, Rutegama, Muramvya na Kiganda

Intara ya Muramvya irafise imisozi itandukanye isharijwe n'ibiti, ibirimwa ...maze bigafasha iyo ntara mubuzima bwayo bwa minsi yose. Intara ya Muramvya ifise abantu bangana hafi n'ibihumbi cumi n'umunani(18.000) canke mbere banarenga.

Abantu bo mu ntara ya muramvya bagizwe ahanini n'abarimyi hamwe n'aborozi. Bararima ibifungurwa kandi bakimbura neza cane .Ivyo babikesha akayaga keza kahari, invura iragwa neza, navyo iyo ntara ikabikesha ukuntu imisozi yayo isharije ibiti bikwega invura ndetse aha ntitwokwibagira nk'ishamba cimeza rya Kibira aho iryo shamba rigizwe n'ibiti vyinshi maze Ivyo biti bigafasha cane mubijanye n'invura.

Iyo invura yabaye nyishi, intara ya Muramvya irafise kandi inzuzi zitandukanye amazi y'invura aca atemberamwo, aha twovuga inzuzi nka: Mubarazi, Mucece, Nyavyamo, Kaniga...

Abantu b'imuramvya kandi barorora ibitungwa bitandukanye aha twovuga nk'inka, intama, ingurube, impene, inkwavu, inkoko,...maze byose bikaza bifasha kubuzima bwabene ntara ndetse n'abahandi bose.

Muri rusangi, intara ya Muramvya yikwije ivyiza vyinshi cane mumice yose y'ubuzima bwayo ndets n'ubw'igihugu.