Ibiyayura umutwe

Ibiyayura umutwe ni ibintu bihindura ingene umubiri wawe usanzwe ukora. Bironona amagara kandi biragoye kuvyihanganira no kubiheba.
Inzoga hamwe n’ibiyayuramutwe bimwe bimwe biratuma umuntu yihebura, n’ukuvuga yuko bishobora gutuma umuntu yumva ko yijiriwe, agira ivyiyumviro bibi, canke acika ikiyingiyingi. Rimwe na rimwe abantu bijiriwe canke bihebuye baca banywa inzoga zikaze kugira ngo bibagire ingorane bafise canke bagabanye ububabare, ariko ntibabone ko ivyo bituma bihebura gusumba canke indwara yabo yongerekana. Ibiyayura mutwe ni ibintu umuntu yihereza bigatuma umubiri wiwe ukora ugutandukanye n'uko wohora ukora, ikigo kijejwe amagara y'abantu OMS kivuga ko buri mwaka ibiyayura mutwe vyica za miliyoni z'abantu kw'isi.


Abantu batari bake barashobora guhitanwa n'ibiyarura mutwe kubera ukutamenya cane cane abanwa itabi kuko ntibazi ko ryonona ibihimba vy' ihemrero . Muntumbero yo gukingira yabene gihugu buri gihugu cose nticigera cemera abene gihugu baco banwa ibiyayura mutwe kumugara garo batuma babinwa bihishije. Ibiyayura mutwe benshi bkunze kubahitana nokwonona ubuzima bwabenshi n'ubwoko bw'itabi n'inzoga zikaze cane