Ici

Kuva Wikipedia

Igihe cici mu Burundi[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Nkuko bisanzwe mumwaka hariho ibihe bibiri bikuru bikuru ibihe vy'imvura n'igihe c'izuba  arico bita ici.Mu Burundi co kimwe no mubindi bihugu vyo mubuseruko(ibihugu biri hejuru y'umurongo ugabura isi mubice 2 bingana) ici ritangura mu kwezi kwa 6 rigahera mu kwezi kwa 9.Ariko uko imyaka igenda ihindagurika niko n'ibihe bihindagurika gutyo ugasanga n'amezi y'ici yiyongereyeko canke akagabanuka.

 Ici ni iki?[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Ici ni igihe gikurikira urushana kigakurikirwa n'igihe c'agatasi.Ni igihe izuba n'ubushuhe biba ari vyinshi kuruta ku bindi bihe.

Ni igihe kandi ciza aho ivyera biba vyareze,ivyo gufungura bitabuze ndetse no mumasoko vyuzuye.

Ni igihe kandi giha akaryo abantu benshi ko gutembera kuko mw'ico gihe ata mvura iba ihari.Ni igihe kandi abantu batari bake baba bari mukaruhuko cane cane nk'abanyeshure n'abarezi babo; mw'ico gihe ubuzi burakorwa ku bwinshi nko kwubaka,kugira imanza n'ibindi n'ibindi kuko ata mvura iba ihari.

Kuki habaho ici?[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Turazi yuko isi izunguruka ku zuba ivyo navyo bigatuma habaho ijoro n'umutaga irongera kandi ikizungurukako ariho habaho umwaka bivurwa rero ko iyo igeze hagati na hagati aho izuba riba rirasira cane kw'isi k'umurongo ushinze(ritumbereye) ariho haca haba izuba ryinshi n'ubushuhe bwishi.

Amezi agize ici[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Nkuko twabivuze uko imyaka igenda ihindagurika niko n'ibihe birahindagurika gutyo n'ici rikaba rirerire canke rigufi.

Ici rero rigizwe n'amezi âne :(ukwa6,ukw7,ukw8,nukw9) uko atandukanye Niko n'ibkorwa bikorwamwo bitandukanye:

Ukwa6 arikwo bita Ruheshi:ni kuvuga ici riba ritanguye,umuyaga uba uri mwishi bawita umuyaga w'impeshi.Mw'uko kwezi ibiterwa biba vyegereje kwera begereje gusoroma

Ukwezi kw'indwi arikwo bita Mukakaro:mwuko kwezi ivyatsi biba bikakaye ni ukuvuga vyumye.Aho izuba riba ari ryishi baba bariko kand batema amahonda haba kandi ari mw'iyera ry'ibiharage n'ubushaza.

Ukw8 arikwo bita Myandagaro:Aho izuba riba ari ryishi rimwe rimena imbwa agahanga.Ico gihe abantu beshi baguma mu nzu.

Ivyo kurya biba ari vyinshi kuko baba barimbuye bararya bagahimba,amahonda yandagaye,inka baziha ibishakara zikandagaza.

Ukw9 arikwo bita Nyakanga:Naho nyene izuba riba ari ryishi bahita kandi Nyakanga kangaza imbwa.Muri ukwo kwezi haba izuba n'inzara kuko ivyo baba barimbuye mukw7 no mukw8 bakwita kandi karangazagisabo.

Muri make mu ci ni igihe ciza twovuga ko ari ic'amata n'ubuki dufatiye ku bindi bihe bigize umwaka kuko nta nzara kandi ibikorwa vyinshi biraranguka mumutekano ntangere.