Icongereza ka rurimi rwa kabiri

Kuva Wikipedia
Icongereza ka rurimi rwa kabiri (1918)

Icongereza ka rurimi rwa kabiri (ESL English as a second language )

Abavyeyi/abafasha bazoronka ivyegeranyo bibiri ku mwaka birungitswe n’ishule umwana wabo yigako. Ivyo vyegeranya bizobafasha gutahura intambwe umwana yagize mu vyigwa, hamwe n’ingene ishure rimufata mu mugongo. Ico cegeranyo kizobereka intambwe umwana yagize mu vyigwa vyosi.

Nimba umwana wanyu akurikira porogaramu ya ESL, icegeranyo kizokwerekana intambwe umwana yagize mu kwiga Icongereza, gifatiye ku rugero rwa ESL (nka hano musi), canke gifatiye ku rugero rw’ibice bitanu, canke bifatiye kuri izo ngero zompi. Hari igihe kandi umwigisha wa ESL ashobora nawe kugira ico avuze muri ico cegeranyo.

Kuvyerekeye ibindi vyigwa navyo, icegeranyo kizokwerekana intambwe y’umwana muri cigwa kimwe kimwe, hakurikijwe ku rugero rw’ibice bitanu.

Mu gihe umwana wanyu yoba amaze ibice bine canke munsi akurikirana porogaramu ya ESL mw’ishure ryishinga inyigisho za Australiya, icegeranyo c’umwana kizokwerekana intambwe amaze kugira mu kwiga icongereza, bakoresheje urugero rwa ESL, n’insiguro y’umwigisha. Hazoba kandi n’insiguro umwigisha ashikiriza kuvyerekeye intambwe umwana yagize muri ivyo vyigwa umwana akurikira.

Mu gihe umwana wanyu yiyandikishije mu kigo cigisha Icongereza amasaha menshi canke ishule ryisumbuye ryigisha Icongereza amasaha menshi, umwana azoronka icegeranyo ku ntambwe bagize bakurikije urugero rwa ESL. Ico cegeranyo kizokwerekana kandi intambwe umwana yagize mu vyigwa vyose kugira yitegurire kuja mw’ishule ryisumbuye.

Gushikiriza ivyegeranyo ku rugero rwa ESL vyerekeye ibice bitari bike mu buryo bwo kuvuga Icongereza bwigishwa kw’ishule. Mu gihe bakoresheje urugero ESL 1, bivuga ko umwana wanyu ariho agitangura kwiga Icongereza. Hakoreshejewe ESL 6 naho bivuga ko umwana wanyu yateye intambwe ikomeye mu congereza, bihagije kugira akurikire ivyigwa vyinshi kw’ishure.

Ni ngombwa gutahura ko kugira abana bakomeze batera imbere mu myaka y’ishule, hakenewe kuba bafise intambwe yisununuye mu congereza. Abanyeshule bari mu myaka yambere y’amashule mato mato (Kindergaten –2ème année) ntibasabwa kuba bari hejuru ya ESL 3.

History of English

ESL 6 : Umunyeshure arashobora kuvugana n’abandi haba mu bo bamenyeranye canke batamenyeranye. Ivyo akabikora ata makosa kandi akoresheje amajambo atabayabaye. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora kwiheza inzandiko zitoroshe, akaba kandi ashobora kungura ubuhinga bwo kwandika mu gukoresha neza umwanya no gusubiramwo.

ESL 5 : Umunyeshure ashobora gutanga ivyiyumviro kuvyerekeye ibintu bitari bike, birashobora guhinduka mu kuvuga atarinze kwiyumvira cane canke ngo avuge ata makosa. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora kwihweza inzandiko atamenyereye, agashobora no kwandika no gukosora ibice bijanye.

ESL 4 : Umunyeshule ashobora kuvuga ivyo yiyumvira ku bintu amenyereye, akoresheje amajambo bijanye. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora gutahura ivyiyumviro n’ingingo nyamukuru mu nzandiko, agashobora no gushira ku mupangu no kwandika ivyerekeye ibintu amenyereye.

ESL 3 : Umunyeshure ashobora kuganira n’abandi haba hanze hamwe n’abandi canke aho bigira. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshule ashobora gusoma no gutahura inzandiko agashobora no kwandika utuntu n’utundi canke ibintu bifise ishingiro.

ESL 2 : Umunyeshure ashobora kwisigura ibisanzwe mu bo basanganywe. Mu gihe afise uwumufasha, uwo munyeshure ashobora gusoma no kwandika ibisanzwe ku vyerekeye ivyamushikiye mu buzima bwiwe, ibiriko biraba canke akagira ico avuze ku nzandiko.

ESL 1 : Umunyeshure niho agitangura kwiga Icongereza. Abanyeshure bamwebamwe barashobora kwisigura akoreshe ijambo rimwe rimwe. Abandi banyeshure bashobora kwisigura bakoresheje amajambo n’amungane asanzwe, bagashobora no gusoma no kwandika amungane asanzwe.