Igisabisho

Kuva Wikipedia

Igisabisho ni igikorwa c'umuntu umwe canke abantu benshi basenga biyerekeza ku Mana Data wa twese. Uwusenga canke abasenga bashobora kuba bisengera ngo Imana Data wa twese Ibahezagire, bashobora kuba basengera abandi bantu, ari nk'abarwaye, canke basengera igihugu, mbere n'isi yose. Igisabisho gikorwa kandi n'abipfuza kwiyegereza Imana ndetse n'abipfuza kugira ico bayisavye ngo babone utu na turiya.

Mu mico y'ikirundi, igisabisho kirashobora kuba ikintu umuntu ajana kwa naka (mugenziwe) ngo kibe ishimikiro ry'ijambo ashaka kumushikiriza.

Igisabisho
Igisabisho