Igitoke

Igitoke ni igiterwa camira hejuru, gishobora kuba imfungurwa canke kikavamwo umutobe be n'inzoga ariyo bita urwarwa.
Urwarwa ni inzoga ikanywa mu bitoke vy'imirire, iyo nayo mukugira iboneke baraca ibitoke vyeze hanyuma bakabirindira ko bikaba bagaca babitarika. Babizika mu rugarama(ikinogo bimba kugira bazobitarikemwo). Iyo vyamaze gukaba hageze ko babitarika, baracana umuriro murugarama bagaca barondera amababi kugira ntibibabuke inyuma yaho bararindira ko bisha hama iyo bimaze gusha, baca babitonora bakabishira mu bwâto bakabikanya hanyuma bagashira umutobe iruhande y'umuriro be n'umwanike canke umwambiro. Nk'inyuma y'umusi, wa mutobe ucanze n'umwanike biba vyahindutse inzoga iborera


igitoke gifise ubuhinga c'isangije kuko gishobora gufungurwa muburyo butandukanye twabivuze hejuru muntango.
## Igitoke urashobora kugifungura ugitekanye n'izindi nfungurwa nkibiharage n'imboga zitandukanye.
## Igitoke urashobora kugifungura nk'icamwa mukukirya umuhwi mugihe wagitaritse kigasha, uciye ugifungura uhejeje gufungura ibindi biryo umererwa neza cane munda.
## Igitoke kandi ushobora kukinwa umutobe( just) canke inzoga (boissons alcooliques),
Igitoke ushobora nokukirya ifiriti (frites) mukugiteka mumavuta.