Igitoke
Igitoke ni igiterwa camira hejuru, gishobora kuba imfungurwa canke kikavamwo umutobe be n'inzoga ariyo bita urwagwa.
Urwarwa ni inzoga ikanywa mu bitoke vy'imiīre, iyo nayo mukugira iboneke baraca ibitoke vyeze hanyuma bakabirindira ko bikaba bagaca babiziga. Babiziga mu rugarama(ikinogo bimba kugira bazobitarikemwo). Iyo vyamaze gukaba hageze ko babitarika, baracana umuriro murugarama bagaca barondera amababi kugira ntibibabuke. Iyo bimaze gusha, baca babishira mu bwâto bakabikanya hanyuma bagashira umutobe iruhande y'umuriro be n'umwanike canke umwambiro.