Ihindagurika ry'ibihe

Kuva Wikipedia

IHINDAGURIKA RY'IBIHE

Mu Burundi nko muyindi mice y'isi haribonekeza ihindagurika ry'ibihe, bigatuma inkurikizi zaryo zibandanya zibonekeza mu gihugu no hanze yaco.

Ihindagurika ry'ibihe ry'ibonekeza iyo umuntu yize uko ubushuhe bwagiye bwiyongera canke bugabanuka mu kiringo kanaka (nko mu myaka mirongo ibiri 20 nk'akarorero).

Ihindagurika ry'ibihe ryoba riva kuki?

Nkuko umugwi w'abahinga mpuzamakungu ukurikirana ihindagurika ry'ibihe GIEC [1] ubivuga, ihindaguruka ry'ibihe riterwa hanini n'ibikorwa vy'ikiremwa muntu harimwo:

  1. Ukurwiza amahinguriro arekura ivyotsi vya CO2 bigaca bituma ikirere cononekara;
  2. Gukoresha imiti yica udukoko mu ndimo(pesticides), imiti yo gupompa ibitungwa be n'imyavu ya kijambere (Engrais Chimiques);
  3. Ukugendesha ivyuma binywa igitoro bikarekura ivyotsi bicafuza ikirero nk'imodoka, indege, amamoto be n'ibindi n'ibindi.....

Kutubaka amabarabara ameze neza bigatuma umukungugu wonona ikirere canecane mu gihe c'ici.[2]

Inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe

  1. Ukuduga kw'ubushuhe ku rugero rwo hejuru;
  2. Imvura ikanka kurwa canke iyo iguye ikarwa ku rugero runini bigatuma hononekara imirima, inyubako zitandukanye nk'amabarabara n'amazu ndetse rimwe na rimwe n'ubuzima bw'abantu bukahasigara;
  3. Uruzuba rwinshi rutuma ibifungurwa bitera neza hagaca haduka inzara, abantu bagapfa, amashamba agahona be n'ibikoko biyabamwo;
  4. Ukwiyongera kw'ubugararwa(désertification) bigatuma abantu benshi bahunga aho bahora baba.

Ni gute twokwirinda ihindagurika ry'ibihe?

Mu kwirinda ihindagurika ry'ibihe, birasaba ko abantu bagabanya ivyotsi vya CO2 barekurira mu kirere, kugabanya gukoresha imiti y'ica udukoko(pesticides) be n'amase ya kijambere(engrais chimiques). Gukura ivyotsi vyamaze gushika mu kirere muco bita (désintoxication aérienne) be n'ugutera ibiti vyinshi bishoboka.

Ni muriyo ntumbero reta y'Uburundi mu mugambi wayo "Ewe Burundi urambaye" yihaye ihangiro ryo gutera ibiti kumisozi yose igize igihugu. Mu mwaka wa 2021, hari hamaze guterwa ibiti birenga imiriyoni 20.

Kugira ihindagurika ry'ibihe rihagarare, bisaba ko buri muntu ashiramwo inguvu canecane mukudata imyanda aho abonye hose, no kutarungika amazi acafuye mu nzuzi no mu biyaga.