Ikigabane ca 11

Kuva Wikipedia

Umunara w'i Baberi

1 Isi yose yavuga ururimi rumwe n'imvugo imwe. 2 Bariko barimuka bava mu buseruko, babona ikiyaya mu gihugu c'i Shineyari, baca bagereraho. 3 Babwirana bati: «Ingo tubumbe amatafari, tuyaturire mw'itanure.» Bakoresha amatafari mu gishingo c'amabuye na kaburimbi mu gishingo c'ubudongo. 4 Bavuga bati: «Ingo twiyubakire igisagara, n'umunara uzoshikana isonga mw'ijuru, twihe izina rizoba rurangiranwa, twoye gusabagira kw'isi yose.» 5 Umukama amanuka kuraba ico gisagara n'uwo munara abana b'abantu bari bubatse. 6 Umukama avuga ati: «Raba! Bagize igihugu kimwe, n'ururimi ni rumwe, none ehe ico batanguye gukora! Kuva ubu nta kizobabuza gushikira ico biyumviriye. 7 Ingo tumanuke, tuyoberanye ururimi rwabo, boye kuba bacumvikana.» 8 Umukama abashwiragiza kw'isi yose, baca baheba kwubaka ca gisagara. 9 Ni co gituma aho hantu bahita Baberia, kuko ari ho Umukama yayoberanirije ururimi rw'isi yose, kandi guhera aho Umukama abashwiragiza kw'isi yose.

Kuva kuri Semu gushika kuri Aburahamu

10 Ng'uru uruvyaro rwa Semu: Semu yari amaze imyaka ijana aho yavyara Arupakeshadi, haciye imyaka ibiri isegenya ihavuye. 11 Mu nyuma z'aho avyariye Arupakeshadi, Semu amara imyaka amajana atanu, avyara abahungu n'abakobwa. 12 Arupakeshadi amaze imyaka mirongo itatu n'itanu yavyaye Sherahi. 13 Mu nyuma z'aho avyariye Sherahi, Arupakeshadi amara imyaka amajana ane n'itatu, avyara abahungu n'abakobwa. 14 Sherahi amaze imyaka mirongo itatu yavyaye Heberi. 15 Mu nyuma z'aho avyariye Heberi, Sherahi amara imyaka amajana ane n'itatu, avyara abahungu n'abakobwa. 16 Heberi amaze imyaka mirongo itatu n'ine, yavyaye Peregi. 17 Mu nyuma z'aho avyariye Peregi, Heberi amara imyaka amajana ane na mirongo itatu, avyara abahungu n'abakobwa. 18 Peregi amaze imyaka mirongo itatu yavyaye Rehu. 19 Mu nyuma z'aho avyariye Rehu, Peregi amara imyaka amajana abiri n'icenda, avyara abahungu n'abakobwa. 20 Rehu amaze imyaka mirongo itatu n'ibiri, yavyaye Serugu. 21 Mu nyuma z'aho avyariye Serugu, Rehu amara imyaka amajana abiri n'indwi, avyara abahungu n'abakobwa. 22 Serugu amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Nahori. 23 Mu nyuma z'aho avyariye Nahori, Serugu amara imyaka amajana abiri, avyara abahungu n'abakobwa. 24 Nahori amaze imyaka mirongo ibiri n'icenda, yavyaye Terahi. 25 Mu nyuma z'aho avyariye Terahi, Nahori amara imyaka ijana na cumi n'icenda, avyara abahungu n'abakobwa. 26 Terahi amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. 27 Ng'uru uruvyaro rwa Terahi: Terahi yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. 28 Harani yavyaye Roti. Harani yaratanze gupfa se wiwe Terahi, yaguye mu ntara y'incuti ziwe, muri Yuri y'Abakasidimu. 29 Aburamu na Nahori bararongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi, umugore wa Nahori akitwa Mireka, umukobwa wa Harani, se wa Mireka na Yiseka. 30 Sarayi yari intavyara, nta mwana yari afise. 31 Terahi ahitana umuhungu wiwe Aburamu, umwuzukuru wiwe Roti mwene Harani, n'umukazana wiwe Sarayi umugore wa Aburamu umuhungu wiwe; bavana muri Yuri y'Abakasidimu, bagenda bagana igihugu ca Kanahani, bashika i Harani, bagereraho. 32 Terahi amara imyaka amajana abiri n'itanu, apfira i Harani.