Ikigabane ca 12

Kuva Wikipedia

IHAMAGARWA RYA ABURAMU

Imana isaba Aburamu kuva mu gihugu ciwe

1 Umukama abwira Aburamu ati: «Va mu gihugu cawe no mu muryango wawe, no mu nzu ya so, maze ugende mu gihugu nzokwereka. 2 Nzokugira igihugu kinini, nzoguhezagira nongere nkuze izina ryawe; uzoba umuhezagiro. 3 Nzohezagira abazoguhezagira, nzovuma uwuzokuvuma, imiryango yose yo kw'isi izohezagirwa muri wewe.» 4 Aburamu agira nk'uko Umukama yari yamutegetse, aragenda ajanye na Roti. Igihe Aburamu yava i Harani yari amaze imyaka mirongo indwi n'itanu. 5 Aburamu ahitana umugore wiwe Sarayi na Roti umuhungwabo, itunga ryose bari bararonse, n'abantu bari baronkeye i Harani, bafata inzira, bagenda bagana igihugu ca Kanahani. Barashika mu gihugu ca Kanahani.

Aburamu muri Kanahani no mu Misiri

6 Aburamu aca muri ico gihugu, gushika ashike ahantu hitwa Sikemu, ku mumanda w'i More. Ico gihe, Abakanahani ni bo baba muri ico gihugu. 7 Umukama abonekera Aburamu amubwira ati: «Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawea.» Aburamu yubakira uruhimbi Umukama aho hantu yari yamubonekeye. 8 Avuye aho, aja ku musozi uri mu buseruko bwa Beteri. Ashinga ihema ryiwe hagati ya Beteri, amaja mu burengero, na Hayi mu buseruko; aho kandi ahubakira Umukama uruhimbi, yambaza izina ry'Umukama. 9 Aburamu agenda araca insago gushika ashike muri Negebu. 10 Hatera amapfa mu gihugu, Aburamu amanuka mu Misiri kugererayo, kuko amapfa yari yatikije inganda mu gihugu. 11 Bari mu gushika mu Misiri, abwira umugore wiwe Sarayi ati: «Umve rero: ndazi ko uri umugore aryoheye ijisho. 12 Abanyamisiri nibakubona bazovuga bati: Ni umugore wiwe; bazonyica na we bakureke ubeho. 13 Ndagusavye, uze uvuge ko uri mushikanje kugira ngo bamfate neza kubera wewe, kandi ndarusimbe kubera wewe.» 14 Nkako, Aburamu yabaye agishika mu Misiri, Abanyamisiri babona ko umugore wiwe ari mwiza cane. 15 Abanyacubahiro ba Farawonib baramubona, baja kumuhayira Farawoni, uwo mugore aca ajanwa mu ngoro kwa Farawoni. 16 Kubera we, Aburamu aratoneshwa, baramukubitira ibitungwa bitobito na bininibinini, impfizi z'indogobwe, abasuku n'incoreke, indogobwe zivyara n'ingamiya. 17 Ariko Umukama arungikira amahano menshi Farawoni n'abiwe bose kubera Sarayi muka Aburamu. 18 Farawoni atumako Aburamu amubwira ati: «Wangize ibiki? Ni kuki utampishutse ko ari umugore wawe? 19 Ni kuki wavuze uti: Ni mushikanje nanje nkaca ndamutwara nkamugira umugore wanje? Ubu rero, ng'uwo umugore wawe, musubireko, umvireho!» 20 Farawoni ategeka ingabo ziwe ngo zimwirukane, we n'umugore wiwe, n'ivyo atunze vyose.