Ikigabane ca 13

Kuva Wikipedia

Aburamu na Roti batandukana

1 Aburamu araduga ava mu Misiri, we n'umugore wiwe, n'ivyo atunze vyose, na Roti bari kumwe, aja muri Negebu. 2 Aburamu yari atunze amasho, ifeza n'inzahabu vyinshi. 3 Agenda araca insago kuva muri Negebu gushika i Beteri mu kibanza carimwo ihema ryiwe ubwa mbere, hagati ya Beteri na Hayi. 4 Mu kibanza yari yarubatsemwo uruhimbi ubwa mbere, haba ari ho Aburamu yambariza izina ry'Umukama. 5 Roti yaguma agendana na Aburamu, na we nyene yari atunze ibitungwa bitobito na bininibinini hamwe n'amahema. 6 Iyo ntara irabagira, biranka ko babangikana, kuko bari batunze cane ku buryo batashobora kuguma babangikana. 7 Imitongano iraduka hagati y'abungere b'amasho ya Aburamu n'abungere b'amasho ya Roti. Abakanahani n'Abaperizi bari bakiba muri iyo ntara. 8 Aburamu abwira Roti ati: «Ntihakagire imitongano yaduka hagati yanje nawe, hagati y'abungere banje n'abungere bawe. Erega turi abavandimwe. 9 None iyi ntara yose ntiri imbere yawe? Niwigerure dutandukane; niwaja ibubamfu nje iburyo, niwaja iburyo nje ibubamfu.» 10 Roti araramura amaso, abona ibigobe vyose vya Yorodani, harimwo imigende y'amazi ikwiye. Umukama atarasibanganya Sodoma na Gomora mu mashorero ya Tsohari, hari heza nk'icibare c'Umukama, hari hateye nk'igihugu ca Misiri! 11 Roti ahitamwo ibigobe vyose vya Yorodani. Roti agenda agana ubuseruko, atandukana gutyo na mwenewabo. 12 Aburamu agerera mu gihugu ca Kanahani, Roti na we agerera mu bisagara vyo muri ivyo bigobe agenda arashinga insago gushika i Sodoma. 13 Abantu b'aho i Sodoma na bo bari abagome n'abacumuzi banyomoje mu maso y'Umukama. 14 Aburamu amaze gutandukana na Roti, Umukama amubwira ati: «Raramura amaso, uhere aho uri, witegereze mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. 15 Egome, iyo ntara yose ubona ndayikugabiye mwe n'uruvyaro rwawe, na ntaryo! 16 Uruvyaro rwawe ruzongana n'umukungugu w'isi. Nihaba hari uwushobora guharura umukungugu w'isi, n'uruvyaro rwawe azoheza aruharure. 17 Haguruka, ugendure iyi ntara mu burebure no mu bwaguke, kuko ndayikugabiye.» 18 Aburamu yimukana amahema yiwe aja kugerera mu mimanda y'i Mamure, iri hafi y'i Heburoni, agereraho, ahubaka uruhimbi rw'Umukama.