Ikigabane ca 15

Kuva Wikipedia

Imana yunga isezerano na Aburamu

1 Ivyo biheze, Umukama abonekera Aburamu, amushikiriza ijambo ati: «Ntutinye Aburamu! Jewe ndi inkinzo yawe; impera yawe izoba nini cane.» 2 Aburamu amwishura ati: «Mukama Mana, uzompa iki? Ehe ngiye ata mwana mfise! Kandi uwuzotorana urugo rwanje ni Eriyezeri w'i Damasi.» 3 Aburamu amubwira ati: «Raba, ntiwampaye kuvyara; ehe umuhungu yavukiye mu rugo rwanje ni we azotorana ivyanje.» 4 Araheza Umukama amubwira ati: «Uwo si we azotorana ivyawe, ariko uwuzova mu bura bwawe ni we azotorana ivyawe.» 5 Hanyuma amujana hanze, amubwira ati: «Itegereze ijuru, uheze uharure zirya nyenyeri, niwaba ushobora kuziharura.» Amubwira ati: «Uruvyaro rwawe ruzongana gutyo.» 6 Aburamu yemera Umukama, na we aca aharura Aburamu mu ntungane. 7 Yongera amubwira ati: «Ni jewe Umukama nagukuye muri Yuri y'Abakasidimu ngo ndaguhe iki gihugu ugitorane.» 8 Avuga ati: «Mukama Mana, none nzomenyeshwa n'iki ko nzogitorana?» 9 Amubwira ati: «Genda unzanire ishashi y'inka y'imyaka itatu, ishashi y'impene y'imyaka itatu, impfizi y'intama y'imyaka itatu, intunguru imwe n'umuswi w'inuma.» 10 Amuzanira ivyo vyose, abihimburamwo kubiri, igihimba cose agitumberanya n'ikindi, ariko inyoni ntiyazihimbura. 11 Ibisiga bishungurukira kuri iyo mivyimba, ariko Aburamu aravyirukana. 12 Izuba ririko rirarenga, Aburamu agwa igihumura, agira ubwoba bwinshi atewe n'umwijima w'umuzimiza. 13 Abwira Aburamu ati: «Menya neza ko abagukomokako bazoba ba kavantara mu gihugu kitari icabo. Bazohabera abaja, abaho babicishe umuruho mu myaka amajana anea. 14 Ariko nzocira urubanza igihugu bazobera abaja. Ivyo biheze, bazovanayo amatungo menshib. 15 Nawe uzohamvya ba sokuru bawe mu mahoro, kandi uzofubwa mu busaza buzira umuruho. 16 Abana b'abuzukuruza ni bo bazogaruka ngaha, kuko icaha c'Umwemori kitazoba kirimonogoza.» 17 Izuba rimaze kurenga, bumaze guhwibira, aza abona itanure rifumba umwotsi n'igishirira c'urubeya biciye hagati ya nya bihimba vy'inyama. 18 Kuri uyo musi, Umukama yunga isezerano na Aburamu, avuga ati: «Iki gihugu ndagihaye uruvyaro rwawe, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika ku ruzi runini, ari rwo Peratic 19 hamwe n'Umukayini, Umukenizi, Umukademoni, 20 Umuheti, Umuperizi, Abarefa, 21 Umwemori, Umukanahani, Umugiregashi n'Umuyebusi.»