Jump to content

Ikigabane ca 16

Kuva Wikipedia

Ivuka rya Yishemaheri

1 Sarayi umugore wa Aburamu ntiyari bwamuvyarire umwana. Yari afise incoreke y'Umunyamisiri, ikitwa Hagari. 2 Sarayi rero abwira Aburamu ati: «Ehe raba, Umukama yarambujije kuvyara. Genda rero wegere incoreke yanje; kumbure kuri yo nzoharonkera abana.» Aburamu arumvira Sarayi. 3 Haciye imyaka icumi Aburamu aba mu gihugu ca Kanahani, Sarayi, umugore wa A bur amu, afat Hagar U muny ami siri yari incoreke yiwe, amuhereza Aburamu umugabo wiwe ngo amubere umugore. 4 Aburamu yegera Hagari, na we asama inda. Abonye ko yasamye inda, inabuja ntiyaba akigira agaciro mu maso yiwe. 5 Sarayi abwira Aburamu ati: «Aka gakengerwe uze ukabazwe! Ni jewe nashize incoreke yanje ku bibero vyawe; none kuva aho iboneye ko yasamye inda, nta gaciro ngifise mu maso yayo! Umukama naducire urubanza twe na we!» 6 Aburamu abwira Sarayi ati: «Ng'iyo incoreke yawe iri mu minwe yawe, yigirire ico ubona kibereye mu maso yawe.» Sarayi araturubika iyo ncoreke gushika imuhunge. 7 Intumwa y'Umukama isanga ya ncoreke hafi y'iriba ry'amazi mu gahinga, iriba riri ku nzira ija i Shuri. 8 Hanyuma ivuga iti: «Hagari, ncoreke ya Sarayi! Uva he ukaja he?» Na we ati: «Ndiko ndahunga mabuja Sarayi.» 9 Nya ntumwa y'Umukama imubwira iti: «Subira kwa nyokobuja, uheze uce bugufi, umugamburukire.» 10 Nya ntumwa y'Umukama irabandanya iti: «Nzorondora cane uruvyaro rwawe gushika aho badashobora kuruharura kubera ubwinshi.» 11 Nya ntumwa y'Umukama irasubira iti: «Raba, uri n'imbanyi, uzovyara umuhungu, uzomwita Yishemaheri, kuko Umukama yumvise iminihiro yawe. 12 Na we azoba umuntu ameze nk'indogobwe yo mw'ishamba. Azorwanya bose, kandi bose bamurwanye, ariko azokwibera aho benewabo bose babona.» 13 Hagari yambaza izina ry'Umukama yari yamuyagiye, araheza avuga ati: «Uri Imana imbona.» Nkako yari yavuze ati: «Hoba ari aha vy'ukuri nabonyea uwamaze kumbona?» 14 Ni co gituma iryo riba ryitwa Iriba rya Rahayiroyib. Riri hagati ya Kadeshi na Beredi. 15 Hagari avyarira Aburamu umuhungu, Aburamu yita Yishemaheri uwo muhungu Hagari yari yamuvyariye. 16 Aburamu yari amaze imyaka mirongo umunani n'itandatu aho Hagari yavyara Yishemaheri.